Sentare ya Misiri yaciriye urubanza rwo gupfa abayoboke ba Morsi 75 bagiye mu myiyerekano yo mu 2013

Members of Egypt's banned Muslim Brotherhood are seen inside a glass dock during their trial in the capital Cairo on July 28, 2018 Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Abagirizwa bugaraniwe muri sentare y'i Kayiro

Sentare yo mu Misiri yaciriye urubanza rwo gupfa abantu 75 bazira uruharabagize mu midurumbanyo yadutse inyuma y'ikurwa ku butegetsi rya prezida Mohammed Morsi mu 2013.

Uwo mugwi, harimwo abategetsi b'umuhari wahagaritswe wa Muslim Brotherhood, ni bamwe mubaciriwe urubanza barenga 700.

Ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu Amnesty International yavuze ko urwo rubanza rudakurikije amategeko kandi rutisunze ibwirizwa shingiro.

Urubanza rwabo ubu rugiye gushikirizwa Grand Mufti, azokwihweza nimba urwo rubanza rwo gupfa rukwiye.

Ariko mu gihe amategeko ya Misiri asaba ko ico Grand Mufti aruvugako, urwego rukuru rutwara idini rya Islam, ntategerezwa kubikora - n'aho rimwe na rimwe vyirengagizwa.

Imidurumbanyo yo mu kwezi kw'umunani mu 2013 yabaye ukwezi kumwe unyuma y'aho prezida yari yitorewe n'abanyagihugu akuriwe ku butegetsi, aho abantu amajana n'amajana bari mu myiyerekano n'abapolisi barenga mirongo ibiri bishwe, inyuma yo gushiragiza abari mu myiyerekano incuro zibiri.

Mu bahagaritswe uwo musi harimwo umumenyeshamakuru yaronse agashimwe, Mahmoud Abou Zeid, azwi kw'izina rya Shawkan.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Urubanza rw'umufotozi Mahmoud Abou Zeid rwungururijwe ku rindi sango

Yafashwe ariko arafata amafoto y'abantu bariko barashwiragizwa muri iyo myiyerekano. Yaciye apfungwa kuva ico gihe akaba yagirizwa ivyaha vyinshi.

Abacamanza bungururije ku rindi sango urubanza rwiwe.

Mu mezi yakurikiye iyo midurumbanyo, harahizwe buhongo abayoboke b'uwo yahoze ari prezida n'abo mu mugwi wa Muslim Brotherhood arimwo, Misiri yatinze munyuma ivuga ko ari "umugwi witwaje iterabwoba."

Mw'itangazo, Amnesty International ivuga ko mu gihe abantu ibihumbi n'ibihumbi bahagaritswe kuva ico gihe, "Abategetsi ba Misiri bataracira urubanza umuntu n'umwe mubajejwe umutekano" mu bagize uruhara muri ubwo bwicanyi.

Ibindi bisa n’ibi