Arsenal yatsinze umugwi wa Paris Saint-Germain ibitego 5-1 muri Singapour

Ozil Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images

Alexandre Lacazette yinjiye asubiriye uwundi, yinjirije Arsenal ibitego bibiri mu rukino yatsinzemwo Paris St-Germain ibitego 5-1 muri Singapour.

Lacazette yinjije igitego ku mupira ahawe na Emile Smith-Rowe, aca atsinda ikindi gitego c'umutwe, kikaba kibaye ica kabiri muri urwo rukino rwa kivukanyi.

Mesut Ozil, yatanze imihoho mu mugwi nserukiragihugu inyuma y'igikombe c'isi, ni we yatsinze igitego ca mbere, Rob Holding yapfunze igutego ca kane imbere y'uko Eddie Nketiah gutsinda ica gatanu.

Christopher Nkunku ni we yatsinze igitego kimwe ca PSG kuri penalite mu gice ca kabiri.

Iyo penalite yatewe inyuma y'uko Sead Kolasinac akubitiye hasi umwana wa prezida wa Liberia George Weah, Timothy imbere y'igoli, Arsenal ariko yabandanije gukina neza iranatsinda ibindi bitego bine bindi.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images

Umumenyereza wa Arsenal Unai Emery yari yavuze akeneye abandi bakinyi bakomeye batanu mu mugwi wiwe muri uyu mwaka.

Ozil yavuze ko amacakubiri y'urukoba n'agakengere ko ari vyo vyatumye akura meza mu mugwi nserukiragihugu w'Ubudagi.

Ozil ari mu bakinyi batanu basubirijwe inyuma y'isaha yose y'urukino, haca hinjira abandi babiri - umukinyi w'imbere Lacazette n'umukinyi w'inyuma w'UbwongerezaHolding bose bakaba batsinze imbere y'uko Nketiah ashiramwo igitego ca gatanu mu minota y'inyongera.