Igipolisi ca Uganda kivuga ko ata muntu n'umwe gifata kimuhora kuba Umunyarwanda, ngo haba hari impamvu

Police ya Uganda ihakana gufata abantu ibahora ubwenegihugu bwabo Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Police ya Uganda ihakana gufata abantu ibahora ubwenegihugu bwabo

Igipolisi ca Uganda kivuga ko ata muntu n'umwe gifata kimuhoye ubwoko canke ubwenegihugu, ngo abafatwa bose baba bakekwako ivyaha ngo kandi hariho n'abanye Uganda.

Amakuru atangazwa n'ikinyamakuru co mu Rwanda cegereye ubutegetsi, igihe.com, avuga ko ibikorwa vy'ubugizi bwa nabi ku Banyarwanda bakorera muri Uganda bikomeje kwiyongera umunsi ku wundi, aho abadatawe muri yombi baba bahigwa bukware.

Iki kinyamakuru kivuga ko abo bantu bahigwa n'inzego z'iperereza zo muri Uganda, urwego rushinzwe ubutasi bwa gisirikare co kimwe n'urwego rushinzwe umutekano wo mu gihugu hagati.

Mu ndwi iheze bavuze ko hafashwe abantu mirongo ibiri na babiri.

Mugenzi wacu Prime Ndikumagenge yavuganye n'umuvugizi w'igipolisi ca Uganda, Emiliane Kayima, atangura amubaza umubare w'abo bamaze gufata n'ico babafatira.

Kanda ngaha wumvirize ico kiganiro

Ibindi bisa n’ibi