Isatura y'ubwoko bwera yo mu buraruko: Iyanyuma y'ingabo, Sudan, iheruka gupfira muri Kenya

Igikoko c'ubwoko bw'isatura yera cari gisigaye muri Kenya, giheruka gupfa Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Igikoko c'ubwoko bw'isatura yera cari gisigaye muri Kenya, giheruka gupfa

Uwafasha kubungabunga iyo satura avuga ko isatura y'ingabo y'ubwoko bwera bwo mu buraruko yari isigaye, yapfuye nyuma y'amezi irwaye.

Sudan, isatura yari ifise imyaka 45, yaba mu kibanza ca Ol Pejeta Conservatory muri Kenya. Haciye indwi zitatu ihawe umuti uyisinziriza ubwanyuma, nyuma y'uburwayi buvuye ku gusaza bwari buyigejeje habi.

Urupfu rwayo rusize gusa isatura z'ingore zibiri, umukobwa wayo n'umwuzukuru, muri ubu bwoko hose kw'isi.

Jan Stejskal, ari mu bajejwe ikigo c'ibikoko ca Dvur Kralove Zoo muri Czech Republic, aho Sudan yabaye gushika mu 2009.

Avuga ati "Urupfu rwayo n'ikimenyetso kibi c'ukuntu abantu batanezwe ibidukikike hamwe n'umubabaro kuri uwo wese yari azi iyi satura, ariko ntitugomba gucika inkokora.

"Dutegerezwa kwisunga ubuhinga budasanzwe bwo kubika uturemangingo tw'ibikoko bigeramiwe no guhona.

"Bishobora kwumvikana nk'ibidashoboka, ariko hifashishijwe ubuhinga bushasha buheruka kugerwako, na Sudan irashora kuba yoronka abandi bayikomokako."

Ni kubera iki ubu bwoko bw'isatura buboneka gake?

Amasatura -hari ubwoko bwayo butanu- nivyo bikoko biba kw'isi bivyara bigira kabiri mu bunini nyuma y'inzovu.

Ubwoko bw'isatura yera burimwo ubwoko bubibiri: isatura yera yo mu bumanuko, hamwe n'iyindi igeramiwe cane ari yo satura yera yo mu buraruko.

Sudan, ugereranije n'imyaka y'abantu yari ifise imyaka 90, niyo satura y'ingabo yari isigaye muri ubu bwoko, nyuma y'urupfu rusanzwe rw'iyindi ngaho mu 2014.

Ubwoko bw'iyi satura muri Uganda, Centre Afrique, Sudani na Chad bwarahonejwe mu gihe c'uruhigi rw'ibi bikoko mu myaka y'1970 n'1980.

Urwo ruhigi rwatewe n'urudandazwa rw'ihembe ry'isatura, rikoreshwa mu buvuzi kama bw'Abashinwa, hamwe n'urwubati rw'imbugita muri Yemen.

Amasatura y'ubwoko bwera bwo mu buraruko ashika nka mirongo ibiri yari asigaye muri Republika y'Intwaro ya Demokrasi ya Kongo, yishwe mu ntango z'imyaka y'2000.

Gushika mu 2008, isatura yera yo mu buraruko yafatwa nk'iyahonye mw'ishamba, nk'uko bivugwa n'ikigo mpuzamakungu kijejwe ibidukikije, WWF.

None Sudan yishwe n'iki?

Iyi satura ishaje yariko iravurwa uburwayi bwabangamira inyama zayo hamwe n'amagufa, bikunyurwa n'ibikomere vyinshi yari ifise ku rusato.

Ntiyarigishobora guhagarara kandi ikababara cane mu masaha 24 yanyuma, hanyuma abaganga b'ibikoko baca baha Sudan umuti uyihohosha ku kigo ca Ol Pejeta Conservancy.



Hoba hari icizere c'uko ubu bwoko buzorokoka?

Mu 2009, amasatura ane y'ubwoko bwera bwo mu buraruko yari asigaye, ingabo zibiri n'ingore zibiri, yimuriwe muri Kenya i Ol Pejeta akuwe muri Czech zoo.

Hari icizere c'uko iki kibanza gishasha, gisa n'aho zavukiye, cari gutuma zijukira kurondoka.

Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Igicapo ca Sudan hamwe n'ingore zo mu muryango wayo cashizwe i new York.

Ariko ntivyigeze bikunda ko haba ugusama inda kandi Sudani yari imaze imyaka ine ikukurutse mu kibanza cayo nk'inkimasa cotanga intanga.

Harabaye ukundi kugerageza kubungabunga kazoza k'isatura y'ubwoko bwera bwo mu buraruko mu guhuza isatura Najin y'imyaka 27 hamwe n'umukobwa wayo Fatu w'imyaka 17, n'isatura y'ingabo y'ubwoko bwera bwo mu bumanuko ariko ntivyakunda.

Sudan yaranugururiwe urubuga ku rubuga rwo guhuza abakundana Tinder mu mwaka uheze, atari kugira ngo ibone urukundo, ahubwo kugira bafashe kurondera amahera y'ikigega co kunagura imvyaryo z'amasatura.

Ivyo vyatumye Sudan ironka abafana benshi cane kw'isi - abo bafana ubu bakaba bagandariye urupfu rwayo hamwe n'uko ubwoko bwayo ubu buri mu guhona.

Uturangandemo twa Sudan twaratororokanijwe, abajejwe kubungabunga ibikoko bakavuga ko bizofasha abazogerageza gukiza ubu bwoko muri kazoza.

Intumbero ni gukoresha intanga zibitswe z'amasatura y'ingabo y'ubwoko bwera bwo mu buraruko, hamwe n'amagi y'ingore zisigaye, bashire irigi mu nda y'ingore y'ubwoko bwera bwo mu bumanuko.

Kurondoka kw'isatura bikorewe hanze, IVF, ni ubuhinga bushasha kandi bugoye, bushobora gutwara amahera ashika ku muriyoni $10. Biracaha icizere ababungabunga ibikoko yuko Najin na Fatu zishobora kuzoronka ivyana vyazo umunsi umwe.

Isi yavyakiriye gute?

Inkuru y'urupfu rw'isatura ya nyuma y'ingabo y'ubwoko bwera bwo mu buraruko yashitse kure kw'isi.

Abantu barimwo abanyepolitike bo muri Kenya hamwe na barurangiranwa ku rubuga rwa YouTube (YouTubers) bashize ku mbuga amasanamu yabo bahura na Sudan mu kigo yamazemwo imyaka yayo yanyuma.

Umukinyi wa cricket wo mu Buhindi, Rihot Sharma, hamwe n'uwahoze ari rurangiranwa mu mukino wa kunagana WWE, Daniel Bryan, batangaje ko bababaye mu gusangira ikimenyetso #wedidthis (ibi ni twebwe twabikoze).

Benshi, barimwo umugwi w'urwaruka rw'Abongereza baharanira gukingira ibikoko, begetse guhona kw'ubu bwoko bw'isatura ku bikorwa vy'abantu kandi bagasaba ko hoshirwa ingoga mu gukingira ubundi bwoko bw'amasatura amazi atararenga inkombe.