Afrika y'epfo ivuga ko igiye kwisubiza amatongo ata muzibukiro

Ahavuye isanamu, Getty Images
Prezida wa Afrika y'epfo Cyril Ramaphosa
Igihugu ca Afrika kiri mu rugamba rwo gushaka guhindura ibwirizwa shingiro kugira gishobore kugaruza amatongo afiswe n'abazungu hadatanzwe umuzibukiro.
Prezida w'ico gihugu Cyril Ramaphosa yavuze ko umugambwe wa ANC uzokora uko ushoboye mu kurangiza isubirwamwo ry'ibwirizwa shingiro kugira ico gikorwa gitangure.
Ramaphosa avuga ko iyo mpinduka ikenewe cane mu guteza imbere ubutunzi muri ico gihugu mu misi iri imbere.
Hahezi igihe hari imyidogo ku kibazo c'amatongo muri Afrika y'epfo.
Ahavuye isanamu, Getty Images
Abarimyi bato bato barakeneye amatongo manini yo kurima
Abazungu bagize igitigiri gito c'ababa muri Afrika y'epfo ni bafise amatongo manini kandi amera.
Atabona neza iyo ngingo bavuga ko Afrika y'epfo ishobora kuba nk'igihugu kibanyi ca Zimbabwe aho abantu batswe amatongo ata muzibukiro.
Hafi ibice cumi kw'ijana vy'amatongo afiswe n'abazungu yarahawe abirabure kuva intwaro ya karyanishamiryango ikuwe ku butegetsi, kuri ANC kikaba ari nk'ica gatatu c'ivyo uwo mugambwe ushaka gushikako.