Abanonotsi amajana n'amajana barimwo n'Abarundi bagiye guhiganwa muri Nigeria bafashwe nabi

Umunonotsi wo mu Burundi Francine Niyonsaba
Image caption Umunonotsi rurangiranwa wo mu Burundi, Francine Niyonsaba, nawe ari mu baheze ku kibuga c'indege

Abanonotsi barenga 300 harimwo abava mu bihugu vya Tanzania, Kenya n'u Burundi hamwe no mu bindi bihugu vya Afrika, baheze ku kibuga c'indege ca Lagos bariko baraja mw'ihiganwa rya Afrika uyu musi muri Nigeria.

Vyari vyitezwe ko abo banonotsi baja mw'ihiganwa ryo gusiganwa za Afrika zitangura uyu musi ku wa gatatu mu gisagara ca Asaba mu ntara ya Delta muri Nigeria.

N'aho izo nkino zitangura uyu musi, imyiteguro yatanguye mu kwezi kwa cumi na rimwe umwaka wa 2017.

Abanonotsi bo muri Zambia bashitse muri Nigeria ku musi wa gatandatu, bashitse ku kibuga c'inkino ku musi wa kabiri.

Image caption Abanonotsi bo muri Kenya ni bo bamerewe nabi gusumba mu gihe abarenga 40 bakiri ku kibuga c'indege

Vyari vyitezwe ko igisagara ca Asaba kimenyekana cane mu gutegura inkino zigira iza 21 za Afrika, ariko kuva ku musi wa gatandatu w'indwi iheze, abanonotsi bava mu bihugu 52 baramerewe nabi kubera uburyo bwo kwiyunguruza ko kwakirwa.

Abanonotsi bo muri Kenya ni bo bamerewe nabi gusumba mu gihe abarenga 40 bakiri ku kibuga c'indege abandi bagenzi babo bariko barakora imyimenyerezo ku kibuga ca Lagos.

Benshi bahinduye ikibuga c'indege ikibanza co kuryamamwo. Bagaragaye bariko bariyerekana mu kibanza co kuririramwo indege.

Ico kibazo cakomeye gushika aho bamwe mu banonotsi bafata ingingo yo kugenda n'imodokari, ibintu bishobora kubangamira umutekano wabo.

Image caption Vyabaye ngombwa ko umunonotsi wa Kenya Gilbert Osure agenda n'imodoka

Umunonotsi wo muri Kenya Gilbert Osure yavuze ati:"Sinari niteze ko haba ingorane nk'izi. Naje n'imodoka amasaha arenga abiri gushika ngaha. Rwabaye urugendo rurerure kandi ruruhisha."

Abandi bashitse ku musi wa kabiri banebaguye ingene abateguye izo nkino bavyifashemwo.

Umumenyereza wa Algeria, Benid Amar, umugwi aringoye waciye i Paris kuri bashike i Lagos yavuze ati:"Sinari bwigere mbona imyiteguro nk'iyi. Naragiye mu mahiganwa menshi, ariko nta yo nari bwajemwo ateguye nabi gusumba iri ryo muri Nigeria."

Image caption Umunonotsi rurangiranwa wo mu Burundi, Francine Niyonsaba, nawe ari mu baheze ku kibuga c'indege

None ico kibanza kirafise ubushobozi bwo kwakira izo nkino?

Umukuru w'intara ya Delta urimwo igisagara ca Asaba, Ifianye Okowa, avuga ko bigeze kwerekana amakenga yo kwemera uwo muzigo wo kwakira ihiganwa nk'iryo.

Okowa yavuze ati:"Mu mezi aheze, aho twamenyeshwa ko ari twebwe tuzotegura izi nkino, nari mfise ubwoba."

N'aho comite nkuru ku mugabane wa Afrika wagize inama, iki kibazo cambitse iceyi imyiteguro yose muri rusangi.

Umukuru w'ishirahamwe ry'abanonotsi muri Afrika, Kalkaba Malboum yavuze ati:"Sinibaza ko Asaba ari yo yari kwakira izi nkino. Aho naza kuraba iki kibanza mu mwaka uheze, narabona ko batazoba baritegura."

Ibihugu nka Botswana afise abanonotsi rurangiranwa nka Nijel Amos bashitse ku musi wa mbere inyuma yo kurindirira ku kibuga c'indege imisi ibiri.

Abanonotsi bo muri Afruka y'epfo bashitse ku musi wa kabiri.

Si bose batanganjwe n'ivyashitse. Umunonotsi wo muri Nigeria yiruka ibirometero bikeya, Blessing Okagbare, yavuganiye igihugu ciwe.

Blessing Okagbare yavuze ati:"Birashobora gushika, ariko birababaza ku munonotsi."

Yongeyeko ati:"Ni ubwa mbere dutegura amahiganwa nk'aya kandi burya ntivyoroshe."

Umumenyereza wa Afrika y'epfo John Matiani yanebaguye abateguye iryo higanwa.

Yavuze ati:"Twaheze i Lagos kandi twari twashitse itariki 28 z'ukwezi kw'indwi. Nta bitabo vy'inzira dufise kandi ntituzi iyo biri gushika ubu."

Image caption Solomon Ogba umukuru w'akanama kajejwe gutegura iryo higanwa

N'inyuma y'aho umukuru w'uwurongiye umugwi utegura izo nkino Solomon Ogba avugiye ko ata nkino zizoba nziza nk'iki, abanonotsi bo muri Afrika baragabisha ko bashobora kuva muri iryo higanwa.

Abo bategetsi batanguye akazi ko gutwara abo banonotsi ariko ivyo bibaye hasigaye amasaha make gusa ngo iryo higanwa ryugururwe icese.

Reta ya Kenya yiyemeje gufasha gutwara abanonotsi babo ariko baracari ku kibuga c'indege.

Ibindi bisa n’ibi