Ihiganwa ry'ikawa y'akanovera ihingurirwa mu Burundi

Ihiganwa ry'ikawa y'akanovera ihingurirwa mu Burundi

Mu Burundi hatunganijwe ihiganwa rya «cup of excellency» ry'ikawa nziza kandi y'akanovera ihingurirwa muri ico gihugu.

Abariko barahiganwa ni amashirahamwe atandukanye akorera mu gisata c'ikawa.

Umushikiranganji w'Uburumyi n'ubworozi Deo Guide Rurema ni we arongoye intumwa z'ubushikiranganji ajejwe zaje gukurikirana iryo higanwa.

Amashirahamwe y'abarimyi b'ikawa bava mu mihingo itandukanye y'igihugu n 'abaguzi mpuzamakungu b'ico giterwa na bo nyene baje gukurikirana ico gikorwa.

Image caption Umushikiranganji w'Uburumyi n'ubworozi Deo Guide Rurema (yambaye ikaruvati itukura) ariko arahonja ikawa

Ikawa zahiganywe zirenga 300 ariko izaronse udushimwe ni 29 gusa.

Ikawa ibaye iya mbere niyo kw itonorero rya rubagabaga commune Gatara intara ya Kayanza ku manota 91,43 %

Ariko abarimyi baridoga ko ataco bakura mu burimyi bw'ikawa, ko ahubwo hunguka abadandaza na reta.

Image caption Bamwe mubitabiriye ihiganwa ry'ikawa y'akanovera ihingurirwa mu Burundi

Umwe mu barimyi bo muri komine Mabayi(bafise na usine itonora akawa) yagize ati:«Ingorane nya mukuru dufise ifatiye ku kungene idolari rivunjwa. Iyo dushoye ikawa hanze, tuzana amafaranga y'agaciro kandi menshi. Ariko baca baduha amarundi ku giciro ca BRB ugasanga ntiduheza ngo turonke ayo duha umurimyi canke umunywanyi wa coopérative yacu."

Yongeyeko ati:"Nk'ubu uwu mwaka twashoye hanze y'igihugu amatoni arenga 800, ariko umurimyi ntiyarengeje amafaranga 500 ku kilo. Twebwe dusaba ko boraba bakaduha nk'amafaranga 1900 kw'i dolari rimwe kugira turabe ko twohatorera akakoyoko. Ubundi dukorera ubusa.»

Image caption Ikawa ibaye iya mbere niyo kw itonorero rya rubagabaga commune Gatara intara ya Kayanza ku manota 91,43 %
Image caption Bucumi Nelson wo muri koberative Dohorerabarimyi yo muri komine Kabarore ahejeje kuronka agashimwe.

Ababaye aba mbere mu kugira ikawa nziza kandi y'akanovera bahawe impapuro z'iteka.

Ikawa ni co giterwa ca mbere gishorwa mu mahanga kikinjiriza amahera menshi y'agaciro Uburundi.

Ibindi bisa n’ibi