Ikiza ca ebola kiri mu buseruko bwa Kongo catanguriye ku mukecuru w'imyaka 75

Ikigo kivura abarwaye ebola hafi y'i Mbandaka mu kwezi kwa mbere 2018 Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Abandi bantu indwi bo mu muryango w'uyo mukecuru nabo barapfuye

Ishami rya ONU rijejwe amagara kw'isi, OMS, rivuga ko ikiza ca ebola kiri mu buseruko bwa Republika ya Demokrasi ya Kongo, catangujwe n'urupfu rw'umukecuru w'imyaka 75.

Uwo mukecuru yaguye mu bitaro vya Mangina, biri ku birometero nka mirongo itatu uvuye mu muji wa Beni.

Umukuru w'urwego rujejwe ubutabazi bunyaruka muri OMS, Peter Salama, avuga ko abantu indwi bo mu muryango w'uyo mukecuru nabo bapfuye.

Iryo shami rya ONU rivuga ko hari abandi bantu benshi banduye bibonekeje mu ntara ya Ituri.

Iki kiza kije haciye iminsi mike ikindi kiza, cahitanye abantu mirongo itatu mu buraruko bushira ubuseruko bwa Kongo, gitangajwe ko carangiye.