Sudani y'epfo ihimbaza amasezerano y'amahoro hagati ya Kiir na Machar

South Sudanese, Salva Kiir, Riek Machar, Khartoum, Juba

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu,

Abanyagihugu basidukanye n'iyonka mu myiyerekano yo kwishimira amasezerano yo gusangira ubutegetsi.

Urudandazwa n'ibindi bikorwa vyose vyahagaze ku murwa mukuru Juba, abanyagihugu bahimbaza ayo masezerano yashitswe ko yo gusangira ubutegetsi.

Aya masezerano azotuma Riek Machar, umukuru w'umurwi w'abarwanyanya leta, ashika mu nzego nk'umwe mu vyegera 5 vy'umukuru w'igihugu.

Be na Perezida Salva Kiir, basinye amasezerano y'umubano aho muri Sudani y'epfo.

Abantu baharurwa mu bihumbi baragandaguwe mu ntambara zitandukanye.

Abaharurwa mu ma miliyoni nabo barahunga igihugu, aho hose inyuma y'ukwikukira kw'igihugu.

Sudani y'epfo yikukiye kuri leta ya Sudani mu 2011.

Ariko ukwo kwikukira kwatumye ico gihugu kikiri gito mu myaka, muri Afrika, kiaja mu ntambara kuva mu 2013.

Izo ntambara zifatiye kw'igabanganwa n'itunganywa ry'ubutegetsi hagati ya Salva Kiir na Reak Machar.

Haraheze igihe habaye igeragezwa rw'umwumvikano, ariko ntacavuyemwo.

Al-Dirdiri Mohamed, umushikiranganji wa Sudani wo gufashanya, yafashije mur'ivyo biganiro, yavuze ko

"Amasezerano yasinywe yumvikanisha abatavuga rumwe guhagarika indwano".

Ugutahura ibindi bisiguye aya masezerano kur'izi nkuru zindi:

Umwihwezo: 'Amahoro arengeye amasezerano'

Peter Martell, akurikirana ubuzima bw'ico gihugu, yabwiye BBC ati:

"Nta tandukaniro rinini riri hagati y'ivyasinywe ubu n'ivyasinywe mu 2015, hamwe Machar yahunga Juba, indege imuhigisha amasasu".

Avuga ko, igitandukanye, ar'uko "abarongozi b'impande zose bitavye ivyo biganiro".

Yarangije avuga ko, "amafaranga yabaheranye, mu ntambara yabo yo kurondera ubutegetsi".

Asigura ko, "Hamwe amahera y'ibitoro yoduga, ikigega c'igihugu kikabomboka, vyobafasha gusubira inyuma, bakava mu ndwano, bakiga kwigina ivyiza vy'amahoro".

Abanyagihugu ba Sudani y'epfo bararuhishijwe n'indwano, ari naco gituma bafise icizere mur'aya masezerano.

Sudani y'epfo yatangaje ko uwu wa mbere uba umunsi w'akaruhuko, ngo abantu babandanye biginana.

Afise mu ntoke urwandiko rw'ayo masezerano, Salva Kiir yashimiye abantu barenga 10 000 baje ku kibuga c'indege kubategera.

Ahavuye isanamu, Nichola Mandil/BBC

Insiguro y'isanamu,

Perezida Salva Kiir yakiriwe n'abantu isinzi, avuye muri Sudani

Mw'ijambo ryakurikiye isinywa ry'ayo masezerano, Perezida Kiir yavuze ati:

"Leta turongoye, hamwe n'abayirwanya, tubwirizwa kuja imbere abandi ba nye Sudani y'epfo, tukorere amahoro ha gukorera amasase".

Sudani y'epfo yuzuye ibitoro, ariko ubutunzi bwayo bwatabaguwe n'intambara zidahera.