Sentare mu Budage yakatiye igipfungo umugore n'umukunzi wiwe bashurashuje umwana w'uwo mugore

Umukunzi w'umugore bafatanije gushurashuza no kudandaza umwana w'umuhungu, avuye muri sentare uno munsi ajanywe n'abajejwe umutekano mw'ibohero Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Umukunzi w'umugore bafatanije gushurashuza no kudandaza umwana w'umuhungu, avuye muri sentare uno munsi ajanywe n'abajejwe umutekano mw'ibohero

Umugore n'umukunzi wiwe bo mu Budage bakatiwe igipfungo na sentare bahamwe n'icaha co gushurashuza umwana w'umuhungu w'uwo mugore no kumudandaza ku baryamana n'abana bato (paedophile).

Uwo mwana bamudandaza ku bantu bameze nkabo baryama n'abana bato, bakoresheje umuhora wa internet.

Uwo mugore n'umukunzi wiwe bafashwe mu mwaka uheze bari kumwe n'abandi bagabo batandatu, hamaze gutangwa amakuru y'ivyo bakora.

Abo uko ari babiri baciye bemera icaha muri sentare.

Bamaze imyaka ibiri badandaza uwo mwana w'umuhungu - yari afise imyaka icenda igihe urubanza rwatangura mu ntango z'uno mwaka - babicishije ku rubuga rwa internet, bakemera ko afatwa video ariko arahohoterwa.

Batanu mu bandi baregwa hamwe nabo barahawe ibihano vy'igipfungo mu mezi aheze.

Ibindi bisa n’ibi