Umukuru w'igihugu ca Republika ya Demokrasi ya Kongo, Joseph Kabila, ntazitoza mu matora yo mu kwa 12

Emmanuel Ramazani Shadari, umukandida wa PPRD Uwufise ububasha kw’isanamu DRC Interior Ministry
Image caption Emmanuel Ramazani Shadari, umukandida wa PPRD

Prezida Joseph Kabila wa Republika ya Demokrasi ya Kongo yagenye uwuzoserukira urunani rw'imigambwe ishigikiye ubutegetsi mu matora y'umukuru w'igihugu yo mu kwa cumi na kabiri.

Uwo ni Emmanuel Ramazani Shadari, yagenywe n'umugambwe uri ku butegetsi, PPRD, ngo azowuserukire mu matora y'umukuru w'igihugu ca Kongo.

Yahoze ari umushinkiranganji w'intwaro yo hagati, akaba n'umunyamabanga ntayegayezwa w'umugambwe uri ku butegetsi.

Kuva ejo amaso yose yari ahanze Prezida Kabila, mu gihe mbere hari n'abavuga ko ashaka kubandanya ategeka.

Emmanuel Ramazani Shadari ni muntu ki?

Ni iki catumye Joseph Kabila ahitamwo kutitoza?

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Hari ubwoba bw'uko hoba amahano muri Kongo, Prezida Kabila asubiye kwitoza

Ikiringo ntarengwa catanzwe n'umugwi ujejwe amatora muri Kongo ni uno munsi, bikaba vyari vyitezwe ko bwana Kabila agena uwuzomusubirira mu nama yakoresheje ejo ariko ntivyaba.

Hari ubwoba bw'icari gushika mu gihe bwana Kabila yari guhitamwo kwitoza, ishengero Gatolika rikaba ryari ryatangaje ko rizohamagaza imyigaragamvyo mu gihugu cose niyaramuka yitoje.

Kugenwa kwa Emmanuel Ramazani Shadari kwiyongeye ku bandi bakandida umunani bamaze kwiyandikisha.

Image caption Felix Tshisekedi, umuhungu w'umuhisi Etienne Tshisekedi nawe yariyandikishije

Abo barimwo Jean Pierre Bemba yigeze kuba icegera c'umukuru w'igihugu wa Kongo akaba n'umukuru w'inyeshamba.

Yasubiye mu gihugu mu ndwi iheze amaze guhanagurwako ivyaha vyo mu ntambara yagirizwa na sentare mpuzamakungu.

Uwundi akomeye ni Felix Tshisekedi, umuhungu w'umuhisi Etienne Tshisekedi, umwe mu bazwi cane batavuga rumwe na leta muri kahise ka Kongo.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Uwahoze ari icegera c'umukuru w'igihugu, Jean Pierre Bemba, nawe yariyandikishije mu bashaka kuba Prezida

Uwahoze ari buramatari w'intara ya Katanga, Moise Katumbi, we gushika ubu ntaremererwa kwinjira mu gihugu, bikaba bitazwi niba biza kumukundira imbere y'uko ikiringo co kwiyandikisha gihera.