Abajejwe amagara y'abantu mu Burundi bemeza ko imiti idakenye muri ico gihugu

Abajejwe amagara bemeza ko imiti ikwiye iriho mu Burundi
Image caption Abajejwe amagara bemeza ko imiti ikwiye iriho mu Burundi

Ubushikiranganji bw'amagara y'abantu mu Burundi bumenyesha ko ata bukene bw'imiti buhari muri ico gihugu kiretse imwe imwe ivura indwara zidakunze gufata abantu benshi.

Ivyo vyatangajwe nyuma yo kwakira imfashanyo y'imiti y'abana n'abavyeyi iciye amadolari arenga umiliyoni n'ibihumbi amajana atatu itanzwe n'ishami rya ONU rijejwe ibibondo kw'isi UNICEF.

Umushikiranganji w'amagara y'abantu, Thadee Ndikumana, yavuze ko u Burundi bufise imiti ikwiye ya nkenerwa, ata bukene bw'imiti buhari nk'uko binuganugwa.

Uwo mushikiranganji aremera ariko ko imiti cane cane ikunze kubura ari iy'indwara zimwe zimwe zidakira, bivuye ku giciro gihanitse kandi itaboneka cane.

Image caption Vyatangajwe nyuma yo kwakira imfashanyo y'imiti y'abana n'abavyeyi iciye amadolari arenga umiliyoni n'ibihumbi amajana atatu itanzwe n'ishami rya ONU rijejwe ibibondo kw'isi UNICEF

N'imiti ipfupfahaza SIDA iriho

Umushikiranganji Ndikumana kandi yabeshuje inkuru yavuga ko imiti ipfupfahaza umugera wa SIDA atayihari.

Yavuze ko wari umuti umwe gusa wabuze bivuye ku kibazo co kuwutumako kuko ugurwa n'impande zibiri, reta hamwe n'ikigega c'isi, Fond Mondial.

Avuga kandi ko uretse ko hari n'abikorera utwabo bafasha mu kuzana imiti, reta ngo iherutse gufasha ikigo Chamebu kijejwe imiti mu Burundi kuza barishikira aho imiti ikorerwa, bikazotuma n'igiciro kigabanuka.

Image caption UNICEF yatanze imfashanyo y'imiti ifise agaciro karenga $1.300.000

Ku bavuga ko ibura ry'imiti ryoba rifitaniye isano n'ibura ry'amafaranga y'agaciro, umushikiranganji Thadee Ndikumana navyo yabihakanye.

Haraheze igihe hari imyidogo ko imiti imwe itaboneka kw'isoko haba mu gisagara ca Bujumbura canke hagati mu gihugu.

Ariko ubushikiranganji bw'amagara y'abantu no kurwanya ikiza ruhonyanganda SIDA, buguma bwemeza ko imiti ihari ku rugero rukwiye, ko ahubwo mu mwaka uza n'igiciro c'imiti gishobora kugabanuka.