Shakir Somji, Umurundi yamuka mu Buhinde yahinduye bajaji ayiha iforoma ya kajugujugu

Shakir Somji
Image caption Shakir Somji ahingura ibigendeshwa n'imoteri bidasanzwe

Umurundi yamuka mu gihugu c'Ubuhinde, Shakir Somji, aramaze guha amaforoma atandukanye ivyuma bigendera mw'ibarabara harimwo na bajaji yagize kajugujugu.

Iyo bajaji ikoresha za kamera imbere n'inyuma mu kibanza c'ibiyo vyotegerejwe kwerekana ibindi vyuma canke abantu bari mw'ibarabara.

Aho abagenzi bicara haratandukanye n'aho uwuriko aranyonga aba ari, kandi baba bafise n'imboneshakure bagenda bararaba.

Image caption Imbere ahatwarirwa iyo bajaji yahundiwe nka kajugujugu

Kubera iba yugaye hose ikaba ifise utudirisha dutoduto kandi tutugururwa nka kurya nyene kw'indege, hariyo icuma gitanga akayaga.

Shakir Somji yaheruka guha imodoka iforoma y'ikirato c'abigeme, kandi hari imodoka nyinshi amaze guha iforoma.

Image caption Umurundi yamuka mu gihugu c'Ubuhinde Shakir Somji, aramaze guha amaforoma atandukanye ivyuma bigendera mw'ibarabara

Ivyo ahingura avyiyumvira gute?

Shakir avuga ko avyikurira mu mutwe kandi ko aronse ubufasha yokora ibirenze ivyo.

Avuga ati: "Nsanzwe mfise aho nkorera imiduga, ariko ivyo mpingura ndavyikurira mu mutwe.

Image caption Shakir Somji yaheruka guha imodoka iforoma y'ikirato c'abigeme

"Bintwara amahera menshi. Kugira iyi bajaji ndayihinduremwo kajugujugu vyantwaye ibihumbi bine vy'amadolari, urumva ko atari amahera make."

Shakir Somji avuga ko aronse imfashanyo yokora ibindi bintu vyinsi.

"Nk'ubu ndonse imfashanyo, iyi kajugujugu yonaguruka. Ariko ubu igira hasi gusa."

Image caption Akamodoka kaja gushusha n'ubwato buto kahinguwe na Shakir
Image caption Ikindi gihimbano ca Shakir gisa n'ubwato bugira mw'ibarabara
Image caption Shakir ariko aranyonga umuduga usa nk'ubwato yikoreye

Ibindi bisa n’ibi