Ishirahamwe HCR risaba Tanzania kudahatira Abarundi gutaha

HCR ivuga ko abarundi bamaze kwiyandikisha gutaha nbava Tanzania bagera ku 21 000 Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption HCR ivuga ko abarundi bamaze kwiyandikisha gutaha bava Tanzania bagera ku 21 000

HCR irasaba leta ya Tanzania kwisunga amasezerano yumvikanyweko n'impande zitatu, n'ukuvuga HCR ubwayo, Tanzania hamwe n'Uburundi, kugira ntihagire impunzi zisubizwa iwabo ku gahato.

Ivyo biri mu vyavuzwe n'icegera c'umukuru w'ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho impunzi kw' isi HCR, Volker Turk, igihe yagendera ikambi ya Nduta, iri mu ntara ya Kigoma.

Urwo rugendo rwiwe rwahuriranye n'umunsi wa nyuma w'ikiringo ntarengwa ubutegetsi bwa Tanzania bwahaye izo mpunzi, ngo zibe zahagaritse ibikorwa vyose vyo kwiyungunganya.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Impunzi zasabwe guhagarika ibikorwa vyose vyo kwiyungunganya birimwo kwunguruza abantu n'amakinga

Muri ivyo bikorwa harimwo urudandazwa, kwunguruza abantu ko mapikipiki hamwe n'amakinga.

Guhagarika ibikorwa vyo kwiyungunganya kwateye umwitwarariko izo mpunzi, zivuga ko zabonye muri iyo ngingo, uburyo bwo kuzihatira kwiyandikisha gutaha.

Avugana n'abategetsi bo mu gihugu ca Tanzania hamwe n'izo mpunzi zo mw'ikambi ya Nduta, Bwana Volker Turk, yasavye ko umugambi wo gutahukana impunzi wokwubahiriza amategeko.

Arashima ko higeze ibikorwa vyo kwiyungunganya kuri izo mpunzi birimwo urudandazwa, akavuga ko yizeye ko bigiye gusubira kwemerwa gukomeza kugira mu kurindira, abatariyumvira gutaha babone imibereho.

Uwujejwe ibibazo vy'impunzi mu bushikiranganji bw'intwaro ya hagati mu gihugu ca Tanzania, bwana Harison Museke, mur'iyo nama yavuze ko Leta ya Tanzaniya ata mugambi ifise wo gutahukana impunzi ku nguvu.

Guhimiriza izo mpunzi gutaha ngo vyaturutse kuko bazi ko mu Burundi harangwa amahoro.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Tanzania yemeza ko Abarundi badahatirwa gutaha hatubahirijwe amategeko

Intara ya Kigoma itunze Impunzi zirenga ibihumbi amajana 350 mkambi za Nduta Mtendele na Nyarugusu.

Izirenga ibihumbi 230 muri izo mpunzi, ni Abarundi, nayo abamaze kwiyandikisha ko bashaka gutaha, bwana Volker Turk avuga ko bageze ku bihumbi 21.