Isegenya imaze guhitana 930 mu Buhinde

Imvura yaguye muri Kerala ntiyari bwabe nyinshi nk'iyo mu myaka 100 iheze Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Imvura yaguye muri Kerala ntiyari bwabe nyinshi nk'iyo mu myaka 100 iheze

Umukuru wa leta ya Kerala mu Buhinde, avuga ko abantu batari munsi y'amajana atatu bamaze kumenyekana ko bapfuye bazize iseganya itari bwaboneke mu kiringo kirenga imyaka ijana.

Abenshi mu bapfuye baguweko n'imisozi yabomotse.

Umushikiranganji wa mbere Narendra Modi, yasavye ubushikiranganji bujejwe kwivuna abansi kwongera inguvu mu bikorwa vyo gutabara mu bice bitandukanye vya Kerala.

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Abajejwe umutekano bagerageza kurokora abari ahugarijwe n'imyuzuri

Bariko bakwiragiza ibifungurwa mu bugarijwe n'imvura yaguye n'ubu ikiriko, ico gikorwa cabo kikaba kibangamiwe n'imisozi yabomotse hamwe n'imyuzuri.

Ababa mu biyaya basabwe kuduga ku misozi hejuru, ariko imigwi y'abajejwe gutabara ngo ntibiyorohera gushikira abantu, n'ubwo bogera hafi y'imihana yabo, kubera ubunini bw'ibihome vy'inzitiro n'imikuba y'amazi.

Muri Aluva, nko ku birometero mirongo itatu mu gisagara ca Kochi, amazu menshi y'amagorofa abiri yararengewe n'amazi.

Abagera ku bihumbi amajana abiri barataye ingo zabo.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Abajwe gutabara bariko bakura abantu ahari imyuzuri

Kubera hacitezwe iyindi mvura, ikibuga c'indege kirugaye kugeza kuwa 26 z'uku kwezi.

Umushikiranganji wa mbere Narendra Modi ateganya kugendera ako karere kuri uno mugoroba.