Umucamanza akaba n'icegera c'umukuru w'urwego rukuru rw'ubutungane rwa Kenya yafunzwe

Yagenwe ku mwanya w'uwungirije umukuru w'urukiko rw'ikirenga rwa Kenya mu mwaka wa 2016

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu,

Yagenwe ku mwanya w'uwungirije umukuru w'urukiko rw'ikirenga rwa Kenya mu mwaka wa 2016

Philomena Mwilu, abaye umutegetsi akomeye cane mu gisata c'ubutungane afashwe agafungwa yagirizwa amakosa akomeye ajanye n'amahera y'igihugu.

Philomena Mwilu yagirizwa ivyaha harimwo ugukoresha ubutegetsi afise kunyungu ziwe.

Ni nko mu kwakira amahera bidaciye mu mategeko akavyita ingabire ahawe canke nt'arihe ama taxi.

Ifatwa ry'umutegetsi wijunja nk'uyu, ntibikunze kuboneka muri Kenya.

Mu mezi aheze, abategetsi benshi bari munzego za leta n'abadandaza bakomeye muri kenya barafashwe.

Bagirizwa ivyaha bijanye n'ubunyonyezi bw'ubutunzi.

Perezida Uhuru Kenyata yashize mu migambi yiwe kurwanya ibiturire no gukubura ababirya.

Mur'iyi ndwi, Perezida Kenyata azokwakira umushikiringanji wambere w'Ubwongereza Tereza May, mu gisagara ca Nairobi.

Abo batagetsi 2 bazokwemeza amasezerano ajanye n'urudandazwa.

Ivyo navyo ntibishoboka mu bihugu ibiturire vyiganje.