Kanye West yahavuye yishura Jimmy Kimmel ku vyo yamubajije kuri Donald Trump

Donald Trump na Kanye West Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Bwana Trump ahura na Kanye ku nyubakwa Trump Tower mu 2016

Kanye West yahavuye atanga inyishu ku kibazo cerekeye Donald Trump, inyuma y'indwi zitatu mu kiganiro n'umumenyeshamakuru Jimmy Kimmel.

Kanye yari yavuze ko "atahawe akaryo ko kwishura" igihe Kimmel amubajije igituma yiyumvira ko perezida yitwararika abirabure.

Uwo muririmvyi wa rap yaramaze amasegonda menshi atarishura, imbere yuko Kimmel ahagarika ikiganiro agashiramwo amatangazo.

Yabajijwe ubwa kabiri n'iradiyo yo muri Amerika, hama inyuma y'amasegonda 25 avuga ati: "Nibaza ko yitaho ukuntu abirabura bamufata."

Kanye yabwiye radiyo WGCI y'i Chicago ivugira kuri 107.5 ko Bwana Trump azi ko akeneye gushigikigwa n'abantu birabura.

"Yipfuza ko abantu birabura bamukunda nkuko bamukunda igihe yakunda indirimbo za rap n'ibindi, kandi azokora ibikenewe kugira ngo ivyo bishike kubera ko nawe nyene yikunda co kimwe natwe."

Bwana Trump yaravuzwe mu ndirimbo za rap na Kanye ubwiwe, Ludacris na Lil Wayne, imbere yuko aba umukuru w'igihugu, kenshi bavuga ubutunzi bwiwe.

Kanye yongeye ati: "Yipfuza kuba umukuru w'igihugu wa mbere kandi arazi ko ivyo bidashoboka adashigikiwe n'abirabure, ico ni ikintu agiye gukorerako."

Kimmel yaragize ico avuga ku gacerere ka West mu ntango, mu kiganiro yagiranye na The Daily Beast.

"Nibaza ko Kanye ameze neza mu kwama aja mu biganiro no kuvuga ico yiyumvira. Kwibaza ko yoba yaripfuje gutanga inyishu ico gihe ubwo nyene, ni ikintu ntashigikiye," niko uwo mugore ateramisha mu masaha akuze yavuze.

"Nibaza ko ukwo kunuma kwatanze inyishu mu bundi buryo."

Muri ico kiganiro co kw'iradiyo, Kanye yaragize ico avuga ku majambo yashikirije mu kwezi kwa gatanu, igihe avuze ko "kugigwa umuja bisa naho umuntu aba yavyihitiyemwo" ku mboneshakure TMZ.

"Sinibaza ko nasavye ikigongwe neza, ku kuntu amajambo yerekeye ubuja yababaje abantu," niko yavuze.

"Ndasavye ikigongwe ku majambo nasohoye yerekeye ubuja, kandi ndasavye ikigongwe ku bumva ko nabahemukiye kubera ayo majambo."

West yabwiye abakunzi biwe ati: "Bino ni ibintu bijanye nuko ayo majambo yababaje abantu n'ingene nayashikirije.

"Nari kuyashikiriza mu buryo butekanye, ariko narihuse kandi ndasavye ikigongwe. Ivyo birashika rimwe na rimwe igihe abantu...sindavyita ingorane zo mu mutwe, ariko ndabisigura nk'ingorane zo mu mutwe."

Imihora ya Internet bijanye

BBC ntibazwa ibivuye mu mguga zitari izayo