Intureka zibasiye amaduka y'abanyamahanga muri Afrika Yepfo

Umunya Somalia yakomerekeye mu ntureka i Soweto

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu,

Umunya Somalia yakomerekeye mu ntureka i Soweto

Abantu batatu bishwe muri Afrika Yepfo mu ndyane zo ku munsi wa gatatu aho amaduka y'abanyamahanga ariyo yahamwe i Soweto, nkuko igipolisi cabishikirije.

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu,

Abagumutse badutse inyuma yaho abafise amaduka bagiririjwe kugurisha ibidandazwa vyataye igihe n'ivya magendo, nkuko amakuru yaho vyabereye avuga. Ubwo bwicanyi bwadutse inyuma yaho umusomali arasiye akica umwana yarondera kwiba mw'iduka iwe.

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu,

Amaduka y'abanyamahanga arimwo iy'uno munya Ethiopia yibwe. Bivugwa ko bamwe mu bafise amaduka bahunze batwaye ibidandazwa bashobora gukiza.

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu,

Igipolisi cafashe abantu 27 bakurikiranwa kubera ubwo busuma n'ubwicanyi. Bino vyibukije benshi ibitero vyo mu kwezi kwa gatanu mu 2008, aho abantu benshi bishwe barimwo abanyamahanga 62 n'abanya Afrika Yepfo 21.

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu,

Abapolisi batohoza barondera abarashe, bakavuga ko hashobora gufatwa abantu benshi

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu,

Security has been stepped up following the protests and violence and shopkeepers were told to temporarily close their businesses.

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu,

Bamwe mu bafise amaduka batinya ko ubwicanyi bushobora kwiyongera. "Nta butegetsi buhari. Iyo buhaba bwari kugenzura bino bintu," niko umwe yavuze, mu majambo yashikirije yasubiwemwo.

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu,

Hari ubwoba ko ubwo bwicanyi bushobora gutandukira utundi turere nkuko vyibonekeje mu 2008, nkuko bivugwa n'umumenyeshamakuru wa BBC

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu,

Ubutegetsi bwo muri ako karere buvuga ko buriko buratohoza ku bivugwa ko ayo maduka yariko agurisha ibidandazwa vyataye igihe hamwe n'ivya magendo

Pictures from AFP and Reuters