Umunyeshure yapfuye azira gukubitwa ashavuje benshi muri Tanzania

Amategeko ya Tanzania ararekurira abigisha gukubita abana atiko bigakorwa "mu gihe vyumvikana" kandi ku ntoke no ku bisusu gusa, Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Amategeko ya Tanzania ararekurira abigisha gukubita abana atiko bigakorwa "mu gihe vyumvikana" kandi ku ntoke no ku bisusu gusa,

Hari ishavu ryinshi muri Tanzania inyuma y'aho havugiwe ko hari umwana yapfuye azize gukubitwa n'umwigisha wiwe amwagiriza kwiba, nk'uko vyandikwa n'itororokanirizo ry'amakuru rya AFP.

Sperius Eradius w'imyaka 13 yapfuye inyuma y'imisi mike ahanywe n'umwigisha wiwe amwagiriza kumutwara isakoshi, nk'uko AFP ibandanya ivyandika.

Mu kwerekana umubabaro, umuryango w'uwo mwana wanse kumushingura gushika uwo mwigisha abanje kwirukanwa.

Ubushikiranganji bw'amagara y'abantu na bwo bwiyamirije ivyo vyashitse, buvuga ko bihonyanga amategeko agenga abana, avuga ko umwana wese ategerezwa gukingirwa, nk'uko vyandikwa n'ikinyamakuru co muri Tanzania Guardian.

Umushikiranganji w'amagara y'abantu Ummy Mwalimu yavuze ko yarungitse umuganga w'umuhinga i Bukoba, mu buraruko bushira uburengero bwa Tanzania gutohoza ivyo vyashitse, nk'uko vyandikwa n'ikinyamakuru Citizen.

Ishirahamwe ry'abapfasoni b'abamenyeshamakuru bo muri Tanzania ryabwiye AFP ko ivyo vyashitse ari "ubugome no guta ubuntu" banahamagarira guhagarika "ugukubitwa no kwica".

Amategeko ya Tanzania ararekurira abigisha gukubita abana ariko bigakorwa "mu gihe vyumvikana" kandi ku ntoke no ku bisusu gusa, nk'uko bivugwa na AFP.