Ibihugu vya Buraya biratera akamo ko imigwano yohagarara inyuma y'intambara yahitanye abantubenshi

Ahavuye isanamu, Reuters
Abantu 39 baramaze gupfira mu ntambara imaze imisi ibera i Tripoli
Amerika, Ubwongereza, Ubufaransa n'Ubutaliyano bwatereye akamo ko intambara imaze imisi ibica bigacika ku mugwa mukuru Tripoli muri Libiya ko ihagarara.
Itangazo bashikiririje hamwe rivuga ko kugerageza "guca intege abategetsi ba Libiya bemewe n'amategeko no kuburizamwo utwigoro twa politike turiko turakorwa bidashobora kwihanganirwa."
Abantu boba bashika 39 harimwo abanyagihugu basanzwe bapfiriye mu migwano yahuje abagwanyi batavuga rumwe mu gisagara ca Tripoli.
Reta ishigikiwe na Onu mu bisanzwe ni yo igenzura umugwa mukuru Tripoli ariko abagwanyi ni bo bafise igice kinini c'igihugu.
Iryo tangazo rya bose rivuga riti:"Duhamagariye imigwi yitwaje ibigwanisho guhagarika ibikorwa vya gisirikare vyose, tukanagabisha abashaka guhungabanya umutekano i Tripoli no mu tundi turere twa Libiya, ko bazobibazwa."
Ahavuye isanamu, Reuters
Mu ntango z'iyi ndwi harabonetse ahinyegeje abimukira amajana n'amajana aho bari babuze aho baca ngo bahunge iyo migwano
Iyo ntambara yadutse ku musi wa mbere igihe abagwanyi bo gisagara kiri mu bumanuko bwa Tripoli batereye abari mu turere two mu bumanuko bw'ico gisagara, bituma haba imigwano ibahuza n'abagwanyi bashigikiye reta yemewe n'amakungu, Government of National Accord (GNA).
Umushikiranganji wa GNA w'amagara y'abantu yavuze ko ku musi wa gatanu abantu 39 ari bo bari bamaze kwicwa, harimwo umunye Mali yishwe hatewe bombe ku nzu yiwe. Abandi barenga mirongo ibiri bivugwa ko bamaze gukomereka.
Ishirahamwe mpuzamakungu riharanira agateka ka zina muntu Human Right Watch ryateye ivyatsi iyo ntambara rivuga ko abanyagihugu 18 ari bo bamaze kuyigwamwo, muri bo hakaba harimwo abana bane.
Abimukira amajana n'amajana babuze aho baca kubera iyo migwano, bimuriwe mu yandi mabohero, mu gihe ikibuga c'indege cugawe imisi ibiri kuva ku musi wa gatanu.
Libiya iri mu ruhagarara kuva ingabo zishigikiwe n'ishirahamwe ryo kugwaniriza umwansi hamwe Otan zikuriye ku butegetsi Col Muammar Kadafi mu kwezi kwa cumi mu 2011, aho abadacana uwaka muri politike bamwe bari mu buseruko no mu burengero hamwe rero n'imigwi yitwaje ibigwanisho mu gihugu cose.