Igisagara ca Somalia Mogadishu cumvikanyemwo ikibombe caturitse cane

The scene of an explosion that hit Somalia's capital Mogadishu

Ahavuye isanamu, EPA

Insiguro y'isanamu,

Ico gitero ca bombe cahitanye abasirikare batatu kinakomeretsa abana benshi

Igitero c'umwiyahuzi yitwaje bombe cabaye ku biro vy'abategetsi ba Somalia ku mugwa mukuru i Mogadishu, gisambura ishure ihegereye nk'uko bimenyeshwa n'igipolisi.

Iyo modoka irimwo bombe mu karere ka Howlwadag yahitanye abasirikare batatu inakomeretsa abandi bantu 14, harimwo abana batandatu, nk'uko abategetsi bo mu nzego zo hasi babibwiye BBC.

Umuhari wa al-Shabab, umaze imyaka irenga cumi ugira mwene ivyo bitero wamaze kumenyesha ko ari wo wakoze ivyo bitero.

Abo basirikare batatu bishwe igihe bariko barabuze iyo modoka kwinjira muri ico kigo gikoreramwo abakozi ba reta, nk'uko bivugwa n'umutegetsi wo ngaho Salah Hassan Omar.

Raqiya Mahamed Ali, yari muri ico kigo igihe haba ico gitero yavuze:" Twari turembeje akazi twariko turakora aho twumva ico kintu giturika."

Yabiye Reuters ati:"Ninyegeje musi y'imeza. Humvikanye urwamo rw'amasase ku muryango wacu... nsohotse nabonye abantu benshi bakomeretse baryamye hasi, n'abandi bapfuye."

Igihugu ca Somalia kirangwamwo umutekano muke n'intambara kuva mu 1991 igihe hatembagazwa reta ya gisirikare.

Ahavuye isanamu, Twitter/@abdi_adaani

Insiguro y'isanamu,

Umwiyahuzi yagize igitero n'imodoka ku biro vy'akarere

Ikurwa ku butegetsi rya Mohamed Siad Barre ryatumye haba intambara yamaze imyaka cumi hagati y'imigwi y'abagwanyi, kandi tubiri mu turere two mu buraruko - Somaliland na Putland twariyonkoye kuri Somalia.

Igice kinini c'igihugu cari mu ntambara.

Reta ifashwe mu mugongo na Onu yagiyeho mu 2012. Kuva ico gihe, Al-Shabab yaratujijwe mu bisagara vyinshi ariko iracagenzura uturere two hagati mu gihugu ikaba inagira n'ibitero ikoresheje inkoho na bombe ku basirikare n'abanyagihugu.

Uwo mugwi witwaza idini rya Islam yashizeho amategeko ya ki islam mu turere ugenzura, harimwo gutera amabuye abagore bagirijwe ubusambanyi gushika bapfe, no guca ibikonjo abasuma.

Igitero c'ikamyo i Mogadishu mu kwezi kwa cumi k'umwaka uheze cahitanye abantu 500 mu gitero cahitanye abantu benshi cane gusumba ibindi muri Somalia.

Umugabo yagirizwa kurongora umugwi wa Al-Shabab ugura ivyo bitero yaciriwe urubanza rwo gupfa mu kwezi kwa kabiri.