Akarere abagabo bakeba imibiri yabo kugira base n'ingona

Man in Womburn with back scarred to resemble a crocodile's hide
Image caption Umugabo bakevye mu mugongo

Mu gihugu ca Papuasi Nouvelle Guinee, mu karere ko mu buseruko bw'iryo zinga rinini mu bunini kw'isi, ibice 80 kw'ijana vy'abantu baba mu gihugu hagati, kandi bakaba hakaba hatagir itumatumanako rituma bamenya ibibera ahandi.

Aho Mark Stratton yasanze abantu bacemera ibintu vya kera.

Inzu z'imitima canke Haus Tambaran ziri iruhande y'uruzi Sepik mu buraruko bwa Papuasi Nouvelle Guinee aho ibihe vyitirana n'ibikoko.

Muri imwe mu migenzo ya kera, abagabo b'i Sepik barabakata mu mugongo no ku bitugu n'urwembe hagasigara inkovu zinini bamaze gukira zisa n'urushato rw'ingona.

Abana b'abahungu bazanwa n'aba narume mu nzu ziranga ibihe gukebwa. Iki gikorwa gifata isaha imwe canke amasaha abiri.

Image caption Inzu y'akaranga babikoreramwo

Uravye imibiri y'abagabo yakebwe urashobora kwibaza ingene bababaye.

Hari abana bata ubwenge kubera ububabare bariko barababara. Abagabo bapfukisha ibikomere amavuta avuye mu biti n'ivyondo vyerakugira ntihajemwo imicafu.

Malingi avuga ati:"Inyuma yo gukebwa abo bana b'abahungu bashobora kuba muri izo nzu z'akaranga bigishwa ibintu bitandukanye vyo mu buzima n'abandi bagabo. barigishwa ivyerekeye ibihe, ingene baroba n'ingene bofasha abapfasoni n'imiryango.

Image caption Aho babakevye hasa n'ingona

Narabajije ingene ingona yabaye ikimenyetso c'ibihe aho Sepik. "Ingona igereranywa n'inguvu, ni ko Malingi avuga. " Turazitinya ariko turonka inguvu zivuye kuri zo." Yambwiye ko bemera ko abantu bavuye ku ngona baza bava mu nzuzi batembera kw'isi.

Ibigwati vyinshi biri kure kandi biragoye gushikamwo kandi nta buryo buhari bwo guhanahana amakuru n'ibindi bice vy'isi. Babayeho barya indya zitwa Sago n'ifi. Ibiterwa barima kugira bagurishe ni ibikaju. Ingurube bazorora kubera imisi mikuru hamwe no kuzikuramwo amahera yo gutatura amatati.

Image caption Mto Sepik

Iyo mico kandi yaje iva kuri bamwe mu bantu baba iruhande y'inzuzi. Akarere ka Kaminimbit, ahantu ugenda igice c'umusi n'ubwato, nabwiwe ko uko gukeba urukoba kwahagaritswe kubera inyigisho z'abakristu.

Inyuma y'intwaro y'abadagi mu 1885, akarere ka Spik kaciye gatangura kwigishwa inkuru nziza.

Image caption Mafuvu ya mamba yaliyopakwa rangi huko Kaminimbit

Ibindi bisa n’ibi