Imigwi ya Man-Utd na Arsenal iriko iravyuka

Umugwi wa Jose Mourinho waheruka gutsindwa 3-0 na Tottenham mu ndwi iheze Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Umugwi wa Jose Mourinho waheruka gutsindwa 3-0 na Tottenham mu ndwi iheze

Imigwi yamaze igihe itagira amahigwe yo gutsinda, Manchester United na Arsenal yo muri Premier League mu Bwongereza, yaratahukanye intsinzi mu nkino zo mu mpera y'ino ndwi.

Inyuma y'indwi yose umumenyereza Jose Mourinho yidogegwa, umunsi wa Mungu wari uwiwe.

Ibitsindo bibiri vyinjijwe na Romelu Lukaku vyari bikwiye ku mugwi wa Man-Utd wari usigaranye abakinyi 10 ngo ushobore gutsinda umugwi Burnley, gurtyo uba wirinze gutsindwa gatatu kikurikiranya na burya abantu bari batanguye kwibaza kazoza ka Mourinho mu gihe amaze imyaka ibiri amenyereza uwo mugwi.

"Ndanezerejwe n'ingene urukino rwarangiye," niko yavuze inyuma y'urukino.

"Ariko nibaza ko bamwe muri mwebwe mutaryohewe. [Ku bwanyu] vyari kuba vyiza kurusha dutsinzwe."

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Igitsindo ca Lacazette co mu minota ya nyuma nico cahaye intsinzi Arsenal

Ku rundi ruhande umugwi Arsenal waratsinze ubwa mbere hanze ku munsi wa gatandatu, uhura na Cardiff City kuri 3-2 .

Igitsindo co mu minota ya nyuma ca Alexandre Lacazette carerekanye ko hari ubudasa mu buryo bwo gusatira hagati y'iyo migwi ukwo ari ibiri.

Ibindi bitsindo vy'aba Gunners vyinjijwe na Shkodran Mustafi na Pierre-Emerick Aubameyang.

Umugwi wa Arsenal watsinzwe kabiri kikurikiranya n'imigwi Manchester City na Chelsea, urakoroka gushika ku kibanza ca 17.

Umugwi wa Arsenal uhejeje indwi uri mu kibanza c'icenda n'amanota 6 ku mikino ine co kimwe na Man Utd ariko uri mu kibanza c'icumi.

Ibindi bisa n’ibi