Wokwifata gute igihe umenye ko iminsi yawe yo kubaho iri ku rushi?

Rachael Bland
Insiguro y'isanamu,

Rachael Bland avuga ko ariko asigana n'igihe

Umumenyeshamakuru wa BBC Rachael Bland aheruka gupimwa kanseri yo mu mabere avuga ko asigaje iminsi mike yo kubaho, akaba ariko asigana n'igihe.

Uwo mukenyezi w'imyaka 40 yatowe iyo ndwara ya kanseri yo mu mabere mu kwezi kwa 11 mu mwaka w'i 2016.

Mu kwezi guheze yavuze ko ariko "yiruka n'umwanya" ngo asohore igitabo yanditse yageneye umuhungu wiwe Freddie w'imyaka ibiri, we akabona ko ata "mwaka agisigaje wo kubaho".

Uwo mukenyezi asoma amakuru, aranateramisha mu kiganiro " You, Me and the Big C " ari kumwe na Deborah James hamwe na Lauren Mahon.

Ashira ubutumwa ku mbuga hwaniro ya Twitter ku munsi wa mbere, yavuze ko abo babiri bakorana bazobandanya bashikiriza ico kiganiro.

Agira ati: "Nkuko vyigezwe gushikirizwa na Frank S mu migani - ndafise ubwoba ko igihe cageze, bagenzi. Naciye mbona ningoga ko nsigaranye iminsi mike. Ntawovyemera. Ndashimira cane abo bose banshigikiye."

Umukenyezi Bland yavukiye i Cardiff ubu aba i Cheshire, yabwiwe mu kwezi kwa gatanu kw'uno mwaka ko indwara ya kanseri afise idashobora gukira, ko icizere asigaranye ari kuza araja kwa muganga.

Inyuma y'amezi abiri ibipimo vya "scan" vyerekanye ko kanseri yiwe iguma itandukira ibindi bihimba vy'umubiri.

Uwigeze gushikiriza ibiganiro kuri BBC Radio 5, Richard Bacon ari mu baremesheje Bland ku mbuga hwaniro.

yanditse ati: "Biranciye inkokora. Ikiganiro cawe carafashije abantu guhindura ingene abantu bafata ibintu nka mwenibi. Urahambaye."

Ahavuye isanamu, Rachael Bland

Insiguro y'isanamu,

Rachael Bland n'umugabo wiwe Steve

Uwo bakorana Nicky Campbell yamubwiye ati: "Uri ikiremwa gitangaje. Urukundo kuri bose."

Tony Livesey, ashikiriza amakuru kuri 5 Live Drive, yanditse kuri Twitter ati: "Ndasaba ngo agire ubutwari. Ni umukenyezi yamfashe ukuboko igihe ntangura akazi kuri BBC 5 LIVE, nipfuza ko amenya ko duca mu manenge yiwe muri kino gihe."

Abandi bakoranye nabo nyene bamuremesheje kuri Twitter, bavuga ko bamwipfuriza kubigiramwo intege n'amahoro, ko bamwibukira ku kuntu yakunda gutwenza.

Uwundi mukozi wa BBC ashikiriza amakuru Victoria Derbyshire, nawe nyene yotowe kanseri yo mu mabere mu 2015, yabwiye Bland ati: "Ukwigumya, inema, ugutwenza - ivyo ni wewe. Ntubaho!"

Uwushikiriza ikiganiro "Good Morning Britain" Susanna Reid yagize ati: "Oh Rachael. Ufise ubwira bwinshi. Urakundwa cane rwose n'abantu mutarigera muhura bitewe n'ingene wavyifashemwo."

Uwundi mushikirizamakuru Matthew Pinsent nawe yanditse ati: "Ubutwari, ugukora akazi neza, ugutwenza muri "tweet" imwe."

Uwo mu kiganiro BBC Breakfast Steph McGovern yabwiye Bland ati: "Ndatuntuye kubera wewe n'umuryango wawe.

"Ikiganiro cawe carafashije abantu benshi kandi wagikora ku buryo bw'umwihariko, utwenza. Urakoze kuvyo wakoze vyose."

Ahavuye isanamu, Claire Wood

Insiguro y'isanamu,

Rachael Bland ateramisha mu kiganiro "You, Me and the Big C " ari kumwe na Lauren Mahon hamwe na Deborah James

Bland yabanje kumenyekana kw'izina ryo mu bukumi, Hodges, yatangaje amakuru muri BBC imyaka irenga 15, mu minsi iheze akaba yatangariza Radio 5 Live.

Kanseri yiwe yo mu mabere yaratandukiye utundi duce tw'umubiri, iciye mu maraso.

Amaze igihe yandika igitabo yageneye umuhungu wiwe Freddie kirimwo "inkuru zose n'impanuro notanze...ariko nkaba atariho nzoba ndi".

"Sintinya gupfa. Ntinya kubera abo nsize inyuma," niko yanditse mu kinyamakuru Sunday Telegraph mu kwezi guheze. l

Ikiganiro ciwe " You, Me and the Big C" gifise intego yo gufasha "kwakira neza indwara ya kanseri".