Ng'iki icatumye Swazilande ari co gihugu conyene kititavye Ubushinwa

Mswati, Eswatini, Ubushinwa Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Izina 'Mswati' risigura 'Intahe yo kuyobora' mu kirimi ca Afrika y'epfo, Zoulou

Igihe ibindi bihugu vya Afrika vyarungitse mu Bushinwa intumwa mu nama iba uko umwaka utashe, Taiwan isa n'iyabaye umusumari mu kirenge c'Ubushinwa.

Swaziland nico gihugu conyene ca Afrika kitarungitse intumwa n'imwe mu nama iriko ihuza Ubushinwa n'ibihugu vya Afrika.

Swaziland iheruka gusubira kwitazira "eSwatini".

Ico gihugu kiyobowe n'umwami Mswati III, nico gihugu conyene cahakanye uburemere Ubushinwa bushira ku bihugu bibanyi:

Ubushinwa bushaka ko ibihugu bicuditse bihagarika imigenderanire bifitaniye n'igihugu ca Taiwan.

Ubushinwa bufata Taiwan nk'igice cabwo.

Ariko Ubushinwa bwahakanye ko ata gitsure bwigeze bushira kuri Eswatini, ngo ihindure intumbero yayo.

Intumwa idasanzwe y'Ubushinwa muri Afrika, Xu Jinghu yavuze ati:

"Kur'iki kibazo, nta gitsure tuzokwigera dutera ibindi bihugu. Tuzorindira hageze ... kandi ndemera ko uwo munsi utari kure".

Igihugu ca Taiwan cararahiye ko kigiye kurwanya "ingendo yo kwigenza uko bushaka atacamira".

Ubwami bwa Eswatini (Swaziland) ni igihugu kiri mu bisigaye mw'isi bitwarwa n'umwami.

Mu gutwara ico gihugu kigizwe n'abantu bashika umuliyoni, umwami akoresha itegeko ry'ibwami.

Nta benshi baba mu mahanga, hanyuma bakabaho bakurikiza imigenzo kavukire.