Amanota mabi yatumye abanyeshuli baryama hanze muri Kenya

Abanyeshuli barajwe hanze kubera amanota mabi Uwufise ububasha kw’isanamu Daily Nation Twitter
Image caption Abanyeshuli barajwe hanze kubera amanota mabi

Abavyeyi bari mu gashavu inyuma yaho abanyeshuli b'abigeme barenga 30 bari mu ndaro barajwe hanze mu mbeho mu murima, kubera ko baronse amanota make.

Abo bigeme biga kw'ishuli ryisumbuye ryo muri West Pokot mu buraruko bwa Kenya, bakuwe mu buraro n'umukenyezi ayobora ishuli abahora amanota mabi, nkuko amakuru yo muri ako karere avuga.

Benshi muri abo bigeme baronka imfashanyo y'amahera y'ishuli ava mu gisata co guteza imbere umupira w'amaguru, ayo mahera akaba yatangwa ata kuraba ingene abo banyeshuli bakoze mu vyigwa, niko ikinyamakuru Daily Nation ca Kenya kivuga.

Ibindi bisa n’ibi