Uriyumvira kurondera igisusu kinini ubanje kubagwa mu buryo bwa "chirurgie esthétique"?

Ahavuye isanamu, Scott Franks
Leah Cambridge yaribasiwe n'indwara y'umutima gatatu yatewe umuti wo gutimbisha umubiri
Hari uburyo bwo kwagura igisusu kikaba kinini kurusha bita "Brazilian butt lift" (BBL) abigeme bakunze gukoresha, ariko bose ntibabigiriramwo amahirwe.
Mbe ni kubera iki buno buryo busigaye bukundwa cane n'abigeme?
Leah Cambridge aturuka ahitwa Leeds, yarafashwe n'indwara y'umutima incuro zitatu kubera umuti wo gutimbisha umubiri (anesthésie) yari yatewe kw'ivuriro ry'ahitwa Izmir, niko mugenziwe Scott Franks avuga.
Bivugwa ko yongerejwe igisusu mu buryo bwa BBL, aho ibinure vyo mu nda vyometswe ku matako.
Uwo mwigeme w'imyaka 29 yahisemwo kwibagishiriza hanze - ari naho bizimbutse kurusha mu Bwongereza - amaze kugira ubwoba bw'ibinure n'inda nini yarafise amaze kuvyara, niko Bwana Franks avuga.
Ahavuye isanamu, Getty Images
Abantu bazwi cane nka Kim Kardashian baranyuzwe n'uwo mugenzo wo kurondera kugira mu nda hato n'igisusu cibumvye
Ababanyi bavuze ko yagarutse yabaye "mwiza cane", bongerako ariko ko yagiye kwibagisha atavyumvikanyeko n'umugenzi wiwe.
Madamu Cambridge siwe mwongerezakazi wa mbere yagiye kwibagisha arondera gusa neza yahuye n'ingorane.
Uwitwa Joy Williams nawe nyene yaragiye kwongerezwa igisusu i Bangkok muri Thailande mu kwezi kw'icumi mu 2014.
Ibikomere vyiwe vyaragiyemwo amashira, munyuma uwo mukobwa w'imyaka 24 yaturuka i Londres aracikana kubera "anesthésie".
Imyaka itatu imbere yaho, umwigeme w'imyaka 20 Claudia Aderotimi, aturuka Hackney, mu buseruko bwa Londres, nawe nyene yarapfuye ariko arabagwa ngo yongerezwe igisusu mw'ihoteri muri Amerika.
Kwagura igisusu ku buryo bwa BBL ntibigiteye ubwoba nk'igihe umuntu yibagisha ibindi bihimba vy'umubiri arondera ubwiza, nkuko umuhinga muri "chirurgie esthétique" Bryan Mayou avuga.
Ahavuye isanamu, Scott Franks/Facebook
Scott Franks avuga ko yacitse intege inyuma y'urupfu rwa mugenziwe agasaba abibagisha barondera ubwiza kubanza kwiyumvira imbere yo kubikora
"Ingorane ni uko ababaga bataba ari abahinga bavyo, kandi bakabikorera mu bibanza bitabigenewe aho atakigukurikirana," niko Bwana Mayou ari mw'ishirahamwe ry'abavura mu buryo bwa "chirurgie esthétique" mu Bwongereza avuga.
"Iyo ibinure bitewe mu nyama amaja hasi ku matako, ushobora gusanga ivyo binure vyagiye mu turingoti tunini dutwara amaraso.
"Ivyo binure bishobora guca vyinjira mu maraso, bigashika mu mahaha munyuma bigatuma umuntu acikana."
Claudia Aderotimi yapfuye ivyo yatewe vyinjiye mu bihimba vy'umubiri
Bwana Franks w'imyaka 31, yabwiye ikinyamakuru The Sun: "Leah yariko aribagisha arondera ubwiza munyuma agira ingorane kubera ko ibinure vyinjiye mu maraso, umwuka wa "oxygène" uramukehana.
"Ico gihe yarashoboye gutabarwa ariko munyuma ategwa n'umutima gatatu, abaganga barabura ico bokora."
Abaganga b'ibigo mpuzamakungu vya "chirurgie esthétique" baramaze gushinga umugwi uja urakurikirana ukongera ugashikiriza ivyegeranyo vy'ababagwa ku buryo bwa BBL, niko Bwana Mayou avuga.
Umwe mu bantu 3000 nibo basanze bakunze gupfa bahitanywe n'ibinure vyinjira mu maraso, niko yavuze.
Ahavuye isanamu, Getty Images
Uno mwigeme Kylie Jenner we yaranse kwaguza igisusu
Umuganga Mayou avuga ko yasanze igitigiri c'abibagisha barondera kwaguza ibisusu mw'ivuriro ryiwe rya Cadogan riri Chelsea, mu burengero bwa Londres caraduze muri ino myaka ine irangiye.
"Biri kuri mode," niko asigura. "Mu myaka iheze abantu barondera kuba bato, bakibagisha ngo ibisusu bigabanuke?"
Ukwo nikwo bishobora gusubira kuba igihe ibisusu binini bitoba bigiharawe, ababifise bakipfuza ko vyogabanuka.
Mbe ukwo kurondera kugira ibisusu binini biva kuki?
Ku bwa Mayou, bitegwa n'abantu usanga bashima ibisusu vyibumvye.
"Tuba mw'isi irimwo abantu b'ubwoko butandukanye, hakaba abantu benshi bakunda ukwo imibiri ibumvye, bigatuma havuka abahinga bashobora kubaga imibiri bigana ivyo abantu bipfuza."
Abantu bazwi cane nka Kim Kardashian, Kylie Jenner na Cardi B bafise abantu benshi babakurikira ku mbuga hwaniro kuberako bashiraho amafoto yerekana ibisusu vyabo.
Ahavuye isanamu, Getty Images
Muri Uganda, ni kimwe mu bihugu hari intambo ishingiye ku kiyunguyungu n'igisusu ariko abagore ntibarinda kwibagisha
Cardi B avuga ko imbere yuko yinjira mu vy'umuziki ko yari yatewe ivyongereza igisusu i New York munyuma biravayo.
Mu kiganiro yatanze avuga ko yarishe amadolari $800 ngo akogwe, inyuma yaho asangiye bagenziwe b'ibisusu binini batamba bari gusa baronka amahera menshi kumurusha.
Nkuko Bwana Mayou abisigura, kubaga ku buryo bwa BBL birakwega abantu benshi mu gihe bifasha gukemura ingorane zibiri icarimwe.
"Abantu benshi ngo bavyungukiramwo kabiri - gukura ibinure aho bidakenewe ukabishira aho bikenewe," niko avuga.
Ku bijanye n'amahera, "chirurgie plastique" irazimbutse mu bihugu nka Turukiya kurusha mu Bwongereza, niko Bwana Mayou avuga.
Kubaga igisusu kikaba kinini bigenda gute?
- Buno buryo bukoreshwa ngo igisusu kibe kinini kurusha, cibumvye kandi kikaja hejuru
- Ababaga bashira mu mubiri ibintu bikoze muri "plastique" canke bakawinjizamwo ibinure aho umuntu yipfuza ko haba hanini
- Mu Bwongereza bitwara amapawundi £2,000 gushika kuri £7,000, bivanye n'ivuriro umuntu yagiyeko canke ko hari ibindi bikogwa bisabwa munyuma
- Bahejeje kubagwa, abagwayi barumva ububabare, bagasabwa kuticarira ibisusu vyabo ku kiringo c'indwi zitatu
- Ingorane zaduka usanga zigizwe n'ibiguma vyanse gukira ningoga, ivyatewe mu muntu bitagumyeyo neza, canke ibinure vyatewe vyinjiye mu turingoti dutwara amaraso.