Intumwa ya Onu mu Burundi Michel Kafando ari i Bujumbura mu biganiro

Ahavuye isanamu, Getty Images
Intumwa y'umunyamabanga mukuru wa Onu mu Burundi, Michel Kafando ari mu rugendo rw'indwi imwe mu Burundi aho ariko arabonana n'abategetsi b'ico gihugu hamwe n'amashirahamwe ata ho yegamiye muri politike, nk'uko biri mw'itangazo ry'ibiro vya Onu mu Burundi.
Iryo tangazo kandi ryavuga ko hategekanijwe ikiganiro n'abameyeshamakuru itariki 11 z'ukwezi kw'icenda 2018, imbere y'uko hashoka irindi tangazo rivuga ko ico kiganiro kitakibaye ahubwo hazosohorwa gusa itangazo.
Mu nama ya Onu ijejwe umutekano kw'isi Michel Kafando yaheruka kumenyesha ko agahengwe kariko karaboneka mu Burundi, kandi ko ingingo ya prezida Pierre Nkurunziza yo kutazitoza mu 2020 ari nziza.
Hagati aho, ibiro vy'umuhuza mu matati y'abarundi Benjamin William Mkapa vyandikiye abatavuga rumwe na reta bari mu buhungiro mu gihugu c'Ububiligi bibatumira mu mibonano izoba kw'itariki 6 na 7 ukwezi kw'icenda 2018 i Bruxelles.
Umuhuza Benjamin Mkapa (uwa kabiri i bubamfu) mu biganiro vy'amahoro i Arusha mu kwezi kwa kabiri 2017
Ivyo biganiro bikaba bifise intumbero yo gutegura ibiganiro bigira gatanu bihuza impande zose i Arusha mu gihugu ca Tanzania bitegekanijwe muri uku kwezi nyene.
Imidurumbanyo yadutse kubera ukutumvikana ku kiringo ca gatatu c'umukuru w'igihugu yatumye abantu benshi bahasiga ubuzima abandi ibihumbi amajana n'amajana barahungira mu bindi bihugu.