Libiya yashize umukono ku masezerano yo guhagarika intambara

Onu ni yo yahagarariye amasezerano yo guhagarika intambara muri Libiya

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu,

Abantu ibihumbi n'ibihumbi ntawuzi iyo bari inyuma yo guhunga intambara zimaze imisi i Tripoli

Abaserukira Onu muri Libiya batangaje amasezerano yo guhagarika intambara hagati ya reta n'igisirikare ku ruhande rumwe hamwe n'imigwi yitwaje ibigwanisho ku rundi ruhande.

Iryo tangazo risohowe inyuma y'imisi umunani y'intambara zikomeye hagati y'imigwi yitwaje ibigwanisho bamwe bo mu gisagara ca Tripoli abandi b'inyuma y'ico gisagara.

Ubu ni ubugira gatatu hageragezwa guhagarika izo ntambara n'iyindi midurumbanyo hamwe n'ubwicanyi mu gisagara ca Tripoli.

Amasezerano aheruka yarenzweko ari ho agishirwako umukono.

Ubu amasezerano yo guhagarika izo ntambara yari ahagarikiwe na Onu, bimwe mu birimwo ni ukugwanya aboza bayarenga bose, gukingira abanyagihugu hamwe no gusubira kwugurura ikibuga c'indege c'i Tripoli, cari kimaze imisi cugaye kubera intambara n'imidurumbanyo.

Ntibiramenyekana ico bemerewe muri ayo masezerano yo guhagarika intambara uretse ko umwe mu migwi mito mito yitwaje inkoho yari muri izo ntambara zikomeye, wasohoye itangazo rivuga ko uwuwurongoye ashigikiye uwo mwumvikano.

Uwo mugwi uvuga ko muri ayo masezerano bumvikanye ko ababagwanya baca bava ku mugwa mukuru Tripoli.

Abo bavugwa ni ni abasirikare barongowe n'ubushikiranganji bw'intwaro yo hagati mu gihugu bwa reta ya Tripoli.