Ishirahamwe OMS rivuga ko ica kane c'abantu kw'isi bageramiwe n'ingwara kubera kutinonora imitsi

Ahavuye isanamu, Getty Images
Ukutagira imyimenyerezo ngororamubiri biragira ingaruka mbi ku magara y'abantu
Ishami rya Onu rijejwe amagara y'abantu kw'isi OMS riragabisha ko abantu barenga ica kane c'ababa kw'isi bageramiwe n'ingwara mbi cane kubera kudakora imyimenyerezo ngororamubiri.
Icegeranyo c'ishami rya Onu rijejwe amagara y'abantu kw'isi kivuga ko abantu barenga ica kane c'ababa kw'isi - imiliyoni 1.4 -badakora imyimenyerezo ikwiye, ibiharuro bitarahinduka kuva mu 2001.
Kutagira imyimenyerezo kwongereza ugushobora kugira ingorane z'amagara, nk'ingwara z'umutima, igisukari hamwe na kansere.
Kandi basanze ko muri uwo mugwi w'abantu, abapfasoni ari bo batagira imyimenyerezo ngororamubiri kiretse ku mugabane wa Asia gusa.
Bivugwa ko biva ku bintu bitandukanye, harimwo ibanga ryo kurera abana, imico n'imigenzo hamwe hamwe bigoye ko bibarekurira kugira imyimenyerezo.
Akamaro ku bantu baba nko muri Uganda:
Ubwo bushakashatsi kandi bwarerekanye ko abantu baba mu bihugu bikenye bafise akarusho kandi ko baruhuka.
Ahavuye isanamu, Getty Images
Kunyonga ikinga ngo ni bumwe mu buryo butuma umuntu agira amagara meza
Benshi mu bihugu nka Uganda canke Mozambique basanga bategerezwa gukora iyo myimenyerezo bari ku kazi, igihe bariko baratambuka baja ku kazi canke baza gufata imodoka itwara abantu na vyo nyene bifatwa nko kugira imyimenyerezo ngororamubiri.
Ahavuye isanamu, Getty Images
Abarimyi bisaba gukora cane ngo imirima ntirare
Umumenyeshamakuru wa BBC Patience Atuhaire uri muri Uganda, avuga ko mu bice byo mu mitumba aho benshi mu Banya-Uganda baba, bakora cane mu mirima yabo.
Ariko avuga ko mu bice by'umugi, abantu bakomeje kutimenyereza, cane cane kubera uko bagenda baba abakire.
Abahinga bavuga ko ubudasa ku bihugu bitunze aho abantu barondera akazi kadatuma umubiri ukora cane, nko kwicara mu biro, hamwe no gukoresha imodoka yawe bwite, ari na co gituma benshi badakora imyimenyerezo.
Ibihugu bifise abantu benshi batagira imyimenyerezo ngororamubiri:
- Kowet 67%
- Samoa ya Amerika 53%
- Arabia Saudite 53%
- Irak 52%
Igihugu gifise igitigiri gito c'abantu batagira imyimenyerezo:
- Uganda na Mozambique 6%
'Ubwoba bwinshi'
Ubushakashatsi bwa OMS bwananditswe mu kinyamakuru c'amagara y'abantu Lancet Global Health, cihweje ibiraba abantu bagye muri ubwo bushakashatsi imiliyoni zibiri, bwerekana ko habaye utwigoro duke hagati y'imyaka ya 2001-2016.
Iryo shirahamwe ribandanye kuvuga ko ibice 40% vy'abantu baba mu bihugu biteye imbere, nk'Ubwongereza na Amerika batitayeho amagara yabo kandi ko bimeze nabi cane mu bihugu nka Arabia Saudite na Irak.
Ahavuye isanamu, Thinkstock
Ubuzi bwo mu biro butera ibibazo kandi butuma abantu batagira imyimenyerezo nk'uko bivugwa n'abahinga
Ingene abantu bafise imyaka iri hagati ya19 - 64 bogira imyimenyerezo
Umwanya ungana iki?
- N'imiburiburi iminota 150 y'imyimenyerezo yo kwigorora ingingo canke iminota 75 y'imyimenyerezo ikomeye cane canke 'Aerobic'.
- Imyimenyerezo yo kwinonora imitsi n'imiburiburi imisi ibiri canke irenga buri ndwi.
- Ntiwicare umwanya muremure mu kibanza kimwe, gerageza uhaguruke ugirire umubiri canke ugendagende.
Imyimenyerezo isanzwe ya ' aerobic' n'iyihe?
- Gutambuka wihuta
- Kugendesha ikinga ahantu hari ubudugo butobuto canke ahantu hatambitse.
- Gukina tenisi
- Gukata ubwatsi ukoresheje imashini
- Kuduga imisozi
- Gukina Volleyball
- Gukina basketball
Imyimenyerezo ikomeye n'iyihe?
- Kwiruka
- Kwoga wihuta
- Kugendesha ikinga wihuta
- Gukina tenisi
- Gukina umupira w'amaguru
- Gukina rigibi
- Gusimba umugozi
N'iyihe myimenyerezo inonora imitsi?
- Guterura ivyuma
- Gukora imyimenyerezo ukoresheje uburemere bw'umubiri wawe nko gupompa ku maboko no kuza uricara wongera uhaguruka
- Kurima
- Yoga
Abahinga bateye akamo amareta gushiraho uburyo bwo guteza imbere inkino no gusaba abantu gutambuka canke gutwara ikinga nk'uburyo bwo kwiyunguruza.
Abanditse ico cegeranyo baragabishije ko uko ibintu bimeze bishoboka ko ivyo OMS yipfuza vyo kugabanya abantu batagira imyimenyerezo gushika mu 2025 gushika ku bice 10%, itabishikako.