Abamenyereza b'i Buraya basaba ihindugwa ry'amategeko ku bitsindo vyo hanze

Ahavuye isanamu, EPA
Giorgio Marchetti wa Uefa n'umumenyereza wa PSG Thomas Tuchel mu nama
Bamwe mu bamenyereza b'imigwi ikomeye ya Buraya basavye ishirahamwe ry'umupira w'amaguru Uefa gusubiramwo amategeko ajanye n'ibitsindo vyinjijwe hanze mu mahiganwa yo ku mugabane.
Bipfuza kandi kw'igihe co guhererekana abakinyi (transfer window) corangirira rimwe mu mahiganwa yose yo ku mugabane.
"Abo bamenyereza biyumvira ko kwinjiza ibitsindo hanze bitakigoye nko muri kahise," niko icegera c'umunyamabanga mukuru wa Uefa, Giorgio Marcheti yavuze inyuma y'inama yo mu Buswisi.
"Bibaza ko amategeko yosubirwamwo, ivyo bikaba arivyo tugiye gukora."
Iyo nama itumwako ku mwaka yarimwo umumenyereza wa Manchester United Jose Mourinho, uwa Arsenal Unai Emery n'uwo yasubiriye Arsene Wenger, uwa Juventus Massimiliano Allegri, uwa Real Madrid Julen Lopetegui, Carlo Ancelotti wa Napoli na Thomas Tuchel wa Paris St-Germain.
Iryo tegeko ryari ryashizweho mw'ihiganwa "European Cup Winners' Cup" mu 1965 mu kwirinda uburyo bwo gukoresha igiceri imigwi yanganije canke gusubiramwo urukino ku kibuga ata numwe cegukira, ico gihe kuja gukinira hanze bikaba bitari vyoroshe.
Marchetti avuga ko abamenyereza basanga iryo tegeko ataco rifasha, ko guhimiriza abakinyi bakiniye hanze gusatira bituma bagaruka bagakomeza inyuma iyo bakiniye iwabo mu kwirinda ko binjizwa igitsindo.
Ku bijanye na "transfer window", avuga ko abamenyereza bipfuza ko ibihugu bikurikiza akarorero k'Ubwongereza n'Ubutaliyano, bigahagarika kurondera abakinyi imbere yuko ihiganwa ritangura.
Muri Espagne, mu Budagi no mu Bufaransa, akadirisha ko kurondera abakinyi kugagwa mu mpera z'ukwezi kw'umunani.
"Abamenyereza basanga hakwiye gushingwa igihe ntabanduka co guhagarikirako guhanahana abakinyi, ico gikorwa kikarangira imbere yuko ihiganwa ritangura," niko Marchetti avuga.