Umumenyereza Salisu Yusuf yahagaritswe mu mabanga yongera atangishwa n'amande

Ahavuye isanamu, Getty Images
Salisu Yusuf yari umufasha w'umumenyereza w'umugwi wa Nigeria mu gikombe c'isi mu Burusiya
Ishirahamwe ry'umupira w'amaguru "Nigeria Football Federation" (NFF) ryahagaritse mu mabanga umumenyereza Salisu Yusuf ku kiringo c'umwaka umwe, rimutangisha n'amande ya US$5000 kubera ibiturire.
Yusuf w'imyaka 56 yahawe ivyo bihano inyuma yaho itohoza rya NFF risanze yahawe igiturire.
Yafashwe mu buryo bwa "camera" ariko ahabwa amahera n'abagabo biyita ko bakorera mu gisata co guhererekana abakinyi, bakaba basaba ko abakinyi babiri boshigwa ku rutonde rw'abogiye mw'ihiganwa ryo ku mugabane.
Amazina y'abo bakinyi babiri ntiyigeze atangwa, Yusuf akaba yahakanye avuga ko ata makosa afise.
Yarengukijwe imbere y'akanama ka NFF kajejwe inyifato i Abuja ku munsi wa kane.
Uwo mugabo yafashwe inyuma yaho hasohorewe amashusho ya video yafashwe n'umumenyeshamakuru w'umunya Ghana, yahavuye aha igisata ca BBC Africa gikora amakuru ashingiye kw'iperereza.
Akanama ka NFF kavuze ko ahagaritswe mu "bikorwa vyose vyo mu gihugu hagati n'ivyo ku rwego mpuzamakungu" gasigura ko "ashobora kwunguruza kuri iyo ngingo yafashwe n'akanama ka NFF".
Mw'itangazo ryasohotse NFF ivuga "yasanzwe nkuko video ivyerekana, yemeye guhabwa amahera $1,000.
"Yemeye gushira abakinyi Osas Okoro na Rabiu Ali ku rutonde rw'abakinyi bazoja mw'ihiganwa rya CHAN 2018 rizobera muri Maroc."
We yemeza ko amahera yakiriye yari ayo agabiwe, ko abo bakinyi batowe kubera ko babikwiye, akaba ataremeza ko azunguruza ku ngingo yafatiwe.
"Nta na kimwe cerekana ko nasavye amahera abo bagabo babiri. Ahubwo umwe muribo yampaye amahera ahejeje kuvuga ko yizeye ko abo bakinyi babiri bazoja mw'ihiganwa," niko yanditse yishura.
"Ndemera amahera nahawe n'umwe muri abo bagabo, ariko nkaba nasanze mpejeje kuyasuzuma ko ari $750 aho kuba $1000."
Yusuf yari umufasha wa Gernot Rohr mw'ihiganwa ry'igikombe c'isi yose mu Burusiya.