Namna gani nguo za ndani za mitumba zina kuathiri? Impuzu za kombokombo z'imbere zigira izihe ngaruka ku muntu?

Ifoto y'impuzu za kombokombo mw'isoko ya Ilala
Image caption Benshi ntibemera ko impuzu z'imbere za kombokombo zishobora kugira ingaruka mbi ku magara y'abantu

Abapfasoni ni benshi bagura izo mpuzu z'imbere kuko ku bagabo impuzu z'imbere bakunda kugura ni nk'amashesheti.

Ariko ku bapfasoni bakunda cane kugura isindiriya, impuzu zo kurarana n'amakareso.

Izo mpuzu zo kwambara imbere za kombokombo zirakundwa cane kubera benshi bavuga ko ziramba ariko kandi zigurwa make cane, aho zimwe zigurwa amajana atanu canke igihugumbi, hakaba hariho n'izishikana ibihumbi cumi kandi zose ari iza kombokombo.

Uretse ugukundwa, abazigura n'izihe ngaruka bazi zishobora kubashikira kubera kwambara izo mpuzu zambawe n'abandi bantu tutazi? Ntituzi amagara yabo uko yari yifashe eka mbere n'ingwara boba bari bafise.

BBC yaraganiriye na bamwe mubazigura, bamwe bakavuga ko batari bazi ko hari indaruka mbi zishobora kubashikira.

mupfasoni Aisha wo mw'isoko rya Karume avuga ati:"Jewe izo ngaruka nta zo nzi ariko ndaronka impuzu za kombokombo ku giciro ciza kandi nsanzwe ndazikunda. Sinarinzi ko zifise ingaruka mbi."

Image caption Impuzu zambagwa imbere za kombokombo ngo ziraramba cane

Ally Saleh na we nyene akunze kugura impuzu zo kwambara imbere za kombokombo avuga ko acagura izikiri nshasha.

Ally ati:"Jewe nkunze gutangura zirya mpuzu zikiri nshasha zitarambarwa cane, ariko ku vyerekeye inkurikizi zoba ziri kuri zirya zambawe cane zishaje.Jewe ifurani zanje eka mbere n'ikareso ndabikura muri kombokombo."

Benshi barazikunda bigatuma bapfunga amaso ku nyigisho baronka.

Nora Almazi nawe yabwiye BBC ati:"Jewe bambwiye ko zifise ingaruka ariko uzibonye ubona ko ari nziza gusumba izo mw'iduka, n'ukuvuga wambaye isindiriya yo mw'iduka amabere aguma arereta ariko iza kombokombo zirafata neza."

Havugwa vyinshi ku ngaruka z'impuzu zambarwa imbere za kombokombo, bamwe bakavuga ko zitera kansere, ibisekera abandi na bo bakavuga ko zigira ingaruka mbi ku ruvyaro. Ufatiye kuri ivyo vyose bivugwa, benshi muri twebwe nta gaciro tubiha twibaza ko ari ugushaka guhiganwa ku bidandazwa.

Ariko muri izo mpuzu zambarwa imbere za kombokombo hari nyinshi zidakozwe mw'ipampa, zikozwe muri poliyesteri itinjramwo amazi. Ivyo bigatuma usha ku gihimba c'irondoka.

Dr Fredrick Mashili wo ku bitaro vy'igihugu vya Muhimbili arazi ingaruka z'impuzu zambarwa imbere za kombokombo.

Yabwiye BBC ati: "Birashoboka ko haba ingaruka ku magara y'umuntu kandi kenshi ni ingwara zo ku rukoba ziterwa n'izo mpuzu, bivuye ko uwahoze azambara yoba yari afise mwene iyo ngwara.

Image caption Igiciro c'impuzu za kombokombo kiri hasi cane ni co gituma zihurumbirwa

Uwo muganga kandi avuga ashimitse ko bishoboka ko muri izo mpuzu ziba zirimwo ingwara zo ku rukoba zitavuye ku wundi ahubwo ku mwanya muremure uheze zavuye kuwahoze azambara wa mbere kugira zambarwe n'uwundi muntu.

Dr Mashili avuga ko nivyaba ari ngombwa kwambara impuzu z'imbere za kombokombo vyoba vyiza umuntu azimesuye akoresheje umuti wo kwica ibikoko hakumesura gusa umuntu agahita yambara.

Kuva mu 2009, ikigo kijejwe gupima ivyinjira muri Tanzania (TBS) ryarabujijwe igurishwa ry'impuzu z'imbere zo muri kombokombo kinatanga n'ikiringo ntarengwa kubazigurisha. Inyuma y'ico kiringo, TBS yaratanguye gufata no guturira izo mpuzu mw'ishirwa mu ngiro ry'itegeko ryo mu 2009 ribuza igurishwa ry'impuzu zambarwa imbere zo muri kombokombo.

Ariko n'ubu nticabujije ko usanga mwene izo mpuzu zikigurishwa hirya no hino mu masoko.

Ibindi bisa n’ibi