Umushinwa yagirizwa amacakubiri yasubijwe iwabo na Kenya

Liu Jiaqi

Ahavuye isanamu, Kenya Immigration

Insiguro y'isanamu,

Liu Jiaqi yagirizwa amacakubiri ku majambo yavuze yafashwe ku buryo bwa video

Ubutegetsi bwa Kenya bwasubije mu gihugu c'amavuko umushinwa yagirizwa amacakubiri inyuma yaho afatiwe amashusho avuga abakenya mu majambo asusuguza.

Uwo mushinwa yari yabanje gufatwa, munyuma atabwa mu mvuto, nkuko igisata ca Kenya kijejwe uruja n'uruza catangaje kuri Twitter.

Aho ha mbere cavuga ko agiye kwirukanwa "ku mvo z'amacakubiri".

uwo mugabo yitwa Liu Jiaqi, yafashwe amashusho mu buryo bwa video avuga ko "abakenya bose basa nk'inkende, co kimwe na Prezida wabo Uhuru Kenyatta".

Mu kiganiro cafashwe, iyo video isa naho yafashwe n'umukozi wa Bwana Liu yaragiye kwirukanwa, naho atawuzi igituma.

Abanya Taiwan bari muri Kenya bajanywe mu Bushinwa ku nguvu

"Ntaco bimbwira," niko yishuye.

"Hano sindahakunda, abantu baho basa n'inkende. Sinipfuza kuvugana nabo. Haranuka kandi hari ubukene...abantu birabura. Ni nde yobakunda? Kubera iki batameze nk'abanyamerika bo baciye ubwenge?," niko yabandanije avuga.

"None ni kubera iki waje gukorera ivyashara hano?" niko umukozi yamubajije.

"Amahera...amahera arahambaye," niko yishuye.

Uwo mugabo canke uwumwunganira mu rubanza nta na kimwe barabivugako.

Ahavuye isanamu, EPA

Insiguro y'isanamu,

Inzira y'indarayi yubatswe n'Ubushinwa yuguruwe mu mwaka uheze mu birori vy'agakura

Ubushinwa bwinjije amahera menshi muri Kenya mu migambi itandukanye muri ino myaka ya vuba, harimwo iyubakwa ry'inzira y'indarayi iva ku mugwa mukuru Nairobi igashika i Mombasa ku nkengera z'ibahari Indiano.

Prezida Kenyatta yaheruka i Beijing mu ntango z'ino ndwi mu nama y'ugufashanya hagati y'Ubushinwa na Afrika aho yagize ati: "Kenya irashima ukuntu Ubushinwa bufata mu mugongo Kenya mu migambi y'iterambere."