Kim Kardashian 'agwana' ngo abohoze uwupfunzwe

Kim Kardashian attending a KKW Beauty Fan Event Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images

Umugore ateramisha ku mboneshakure Reality TV, Kim Kardashian West ariko "aragwana" ngo ashobore kubohoza umunyororo Chris Young yaciriwe igipfungo c'ubuzima kubera ibiyovyabwenge.

Uwo mukenyezi avuga ko Chris Young yahawe igihano "bidakwiranye" ko "amategeko akwiye guhinduka".

Mw'ijwi ryiwe yashize ku mbuga, yabwiye abamwumviriza "ko akunda kuvugana n'ibiro White House" ku bijanye no gusubiramwo amategeko agenga ugupfungwa.

Mu kwezi kwa gatanu, Kim yarabonanye na Perezida Donald Trump, amusaba kubohora uwundi muntu yarapfunzwe, Alice Marie Johnson - yahavuye arekugwa inyuma y'ukwezi.

Muri kino gihe Kim yizeye ko ashobora kubikora nka mbere kuri Chris w'imyaka 30 - amaze imyaka umunani apfunzwe.

"Ntibikwiye na gato," niko yavuze ku munsi wa gatatu.

Chris yapfunzwe kuberako yafatanywe urumogi "marijuana" hamwe na "cocaine" idapima n'inusu y'igarama.

Ivyashikiye uwo mugabo vyakwiragijwe n'ikigo Buried Alive Project - cipfuza guhagarikisha igihano co gupfungwa burundu, gitegekanijwe n'amategeko ya Amerika ku bijanye n'ibiyovyabwenge.

Chris yafashwe afise imyaka 22.

Nkuko ikigo The Buried Alive kivuga, uwo mugabo yafashe ku mutwe amajambo y'impapuro zirenga 12 z'urubanza rwiwe aho avuga ivy'ubuto bwiwe "ingene ubuzima bwiwe bwaranzwemwo ubukene no guhahamuka".

Chris yaronse igihano co gupfungwa burundu kubera ko yigeze gukurikiranwa n'ayandi makosa ashingiye ku biyovyabwenge akiri muto.

Muri Leta ya Tennessee hari itegeko ryitwa "three-strikes law", bisigura kw'iyo umaze gukurikiranwa gatatu ko uca uhabwa igipfungo c'ubuzima.

Mw'ibohero, Chris ngo atunzwe n'ukwiga igihe aronse umwanya hamwe no gusoma ibitabo.

Agwaye n'indwara yo gukeha amaraso, ivyo bigatuma rimwe na rimwe aja arabagwa, akaba muri kino gihe aba mu gisata c'abagwaye aho mw'ibohero.

Kim avuga ko uwo mugabo ari ahantu hugaye atogiriramwo ingorane, kandi ko bivugwa ko yigenjeje neza aho mw'ibohero.

"Yavuga ati 'Ndi ahantu ntashobora kugira ingorane, ariko ugiye mw'ibohero usangayo abantu bacumitana, hari ibi na biriya bigatuma umuntu ashobora gushikigwa n'ingoga n'ingorane'.

"Birateye ubwoba iyo ufise icaha gito ariko munyuma ugahabwa igihano co gupfungwa ubuzima bwose, mw'ibohero ricunzwe nk'iri, aho ubana n'abicanyi," niko yabandanije avuga.

Muri kino gihe Kim ariko akorana na Kevin Sharp, umucamanza yakatiye igipfungo Chris munyuma yikura mu kazi.

"Urwo rubanza yategerezwa kuruca ukwo, kandi nawe nyene yarazi ko atarivyo," niko yavuze.

Iruhande yo kuvugana n'umucamanza, Kim aravugana kenshi n'ibiro White House ku vyerekeye guhindura amategeko ajanye n'igihano co gupfunga.

Avuga ko Jared Kushner, umuhanuzi mukuru wa Perezida Trump, nawe nyene yipfuza ko ayo mategeko yohinduka.

Igihe Kim yoramuka apfunguje Chris, yoba abaye umuntu wa kabiri afashije kuva mu munyororo.

Uwufise ububasha kw’isanamu CAN-DO
Image caption Alice Marie Johnson yakatiwe igipfungo c'ubuzima mu 1997

Mu kwezi kwa gatanu mu 2018, yasavye Donald Trump kubohoza umugore yitwa Alice Johnson.

Alice yakatiwe gupfungwa burundu ata karyo ko gushobora kurekugwa ahawe, yagirizwa kugurisha ibiyovyabwenge mu 1997.

Ukwo guhura kwatumye Perezida amugirira ikigongwe, munyuma ararekugwa mu kwezi guheze.

Kim na Alice bahuriye mu munyororo, mu kiganiro co ku mboneshakure.