Robert Mugabe yemeye intsinzi y'uwamusubiriye Emmerson Mnangagwa

Mugabe n'umukenyezi wiwe Grace bakeje intsinzi ya Perezida Emmerson Mnangagwa Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Mugabe n'umukenyezi wiwe Grace bakeje intsinzi ya Perezida Emmerson Mnangagwa

Uwigeze kurongora igihugu ca Zimbabwe Robert Mugabe yavuze ko yemeye intsinzi w'uwamusubiriye Emmerson Mnangagwa, nkuko ikinyamakuru IOL kivuga.

"Mnangagwa yaratsinze. Ubu biremewe n'ibwirizwa shingiro...Ni amatora yabaye kandi intsinzi yiwe ntawukwiye kuyiharira. Muri kino gihe dukwiye kwibagira ivyabaye bitakurikije amategeko."

Mugabe yashikirije ayo majambo mu kigandaro ca Inabukwe ku mugwa mukuru Harare.

Uwo mugabo w'imyaka 94 yakuwe n'igisirikare mu kwezi kwa 11 mu 2017 amaze imyaka irenga 30 arongora igihugu, yari yashigikiye uwutavuga rumwe n'ubutegetsi Nelson Chamisa mu matora yo kw'itariki 30 ukwezi kw'indwi.

Mu kiganiro n'abamenyeshamakuru buca haba amatora, yaridogeye ihirika ry'ubutegetsi ryakozwe n'igisirikare, avuga ko afashwe nabi na leta.

"Ariko ivyo ni ivyo muri kahise, hakwiye ko abantu bavugana, bakaja hamwe. Ubu twatandukiriye igihe gishasha. Reka dukorere hamwe igihugu cacu," niko Mugabe yavuze ku munsi wa kane.

Image caption Perezida Mnangagwa yavuze ko imbere hasa neza kurusha igihe gihitiye

Bwana Mugabe ntiyitavye ibirori vyo kurahiza Bwana Mnangagwa ku wa 26 ukwezi kw'umunani, ariko arungika umukobwa wiwe kumuserukira.

Uwo mutegetsi wa kera yamenyesheje ko yari yipfuje gusubirigwa n'uwigeze kuba umushikiranganji wo kwivuna abansi, Sidney Sekeramayi.

"Abahiritse ubutegetsi bari bazi ko nipfuza gusubirigwa na Sekeramayi," niko Bwana Mugabe yavuze.

Umukenyezi wiwe Grace yarasanzwe afise imigenderanire itifashe neza na Perezida Mnangagwa, yashimiye Perezida kuba yamufashije kuva i Singapour aja mu rubanza inyuma yaho nyina apfiriye.

"Nipfuza gushimira Mnangagwa mu kuba yandungikiye indege intahukana muhira kugandarira mama. Yari indege nziza, nshasha y'ishirahamwe Gulf Stream ryo muri Qatar," niko muka Mugabe yavuze, avuga ko yumvise aremeshejwe.

"Mnangagwa yarandemesheje. Niba vyari bikenewe ko mama acikana kugira ngo tugire ubugenzi twigeze kugira, reka bibe ukwo," niko yabandanije avuga.

Madamu Mugabe yipfuza gusubirira umugabo ku burongozi bw'igihugu, iyo igisirikare kitahashira Bwana Mnangagwa inyuma yaho gikuriye ku nguvu Bwana Mugabe ku butegetsi.

Ibindi bisa n’ibi