Ikinini kigabanya kwandura umugera VIH mu mibonano mpuzabitsina

Prep pill Uwufise ububasha kw’isanamu Thinkstock
Image caption Scientists have said that if taken on a daily basis the pill can cut the changes of people contracting the virus

Abanyagihugu ba Pays de Galles bamaze igihe bahimirizwa gufata ikinini kigabanya kwandura umugera HIV, abantu 500 bibazwa ko bokwanduye bakaba basanze ari bazima.

Amavuriro yo muri Pays de Galles aza yaramaze gutangura gutanga ibinini vyo mu bwoko "Pre-Exposure Prophylaxis" (Prep) kuva mu kwezi kw'indwi kwo mu mwaka uheze.

Mu mwaka wa mbere wageragejwemwo ico kinini, abantu 559 bari mu bokwandura ningoga barafashe ivyo binini, munyuma bavuga ko hari ico vyahinduye mu buryo bwo kwirinda umugera HIV.

Nta numwe basanze yanduye umugera VIH.

Abahinga bavuga ko mu gihe ivyo binini bifashwe iminsi yose, ko bishobora gufasha kutandura umugera.

Uwitwa Phil yatanguye gufata ivyo binini yiyumvira ko vyo mufasha mu gihe yaramaze igihe afise umuntu bagendana.

"Bituma amakenga yo kwiyumvira kwandura umugera VIH agabanuka," niko yabwiye radio ya BBC ya Pays de Galles.

"Bituma umuntu akora imibonano mpuzabitsina ata bwoba."

Abantu hafi 150 nibo batogwa umugera VIH ku mwaka muri Pays de Galles, hafi igice cabo bakaba ari abandurira mu mibonano y'abagabo ku bagabo.

Uwo muti Prep canke Truvada watohojweko imyaka itatu n'ibigo vy'ubuvuzi vya Pays de Galles, utangazwa mu mwaka uheze n'umushikiranganji ajejwe amagara, Vaughan Gething.

Prep n'iki?

  • Izina ryuzuye ni Pre-exposure prophylaxis
  • Ukingira ama "cellules" y'umubiri mu kubuza umugera kugwirirana iyo ushitse mu mubiri w'umuntu
  • Ufashwe iminsi yose, igeragezwa ryawo ku mwaka umwe muri Pays de Galles ryerekanye ko ata muntu numwe yakoresheje ibinini vya Prep yanduye umugera VIH
  • Muri kino gihe uwo muti urakoreshwa muri Amerika, Canada, Australia no mu Bufaransa, ugafasha gukingira abantu bashobora kwandura ningoga umugera VIH
  • Mu kwezi kw'umunani mu 2017, hasohowe itangazo ko umuti Prep uzohabwa bamwe mu bagwayi bo mu Bwongereza mu kuwubageragezako.
Uwufise ububasha kw’isanamu Thinkstock
Image caption Abantu ngo ntibashobora kwandura umugera VIH mu gusomana

Dogiteri Olwen Williams, umuyobozi w'ishirahamwe rigwanya Sida "British Association of Sexual Health and HIV" avuga ko naho vyibonekeje ko uwo muti ari ngirakamaro, ngo biracakenewe ko umuntu yikingira igihe aba ari mu mibonano mpuzabitsina.

"Ivyo twatoye duharira n'abantu ku bijanye n'umuti Prep, nuko mu vyiyumviro vyabo, amagara hamwe n'ukuryohegwa mu mabanga mpuzabitsina vyiyongeye, niko uwo mugore avuga.

Muri Pays de Galles, uwo muti uraboneka kuri uwo wese yiyumvira ko ashobora kwandura umugera VIH, cane cane abantu bakora imibonano batabanje kwikingira.

Ibindi bisa n’ibi