Mu Burundi, uruganda rwa 'Lumitel' ruri mu bibazo

Viettel, Lumitel, Burundi
Insiguro y'isanamu,

U Burundi ni igihugu ca kane Viettel ikorera mwo muri Afrika

Abakozi baharurwa mu 300 bahagaritse akazi mu gihugu cose mu kiringo kitamenyekanye.

Abo bakozi bagiriza ubuyobozi :

•kubarenganya mu kubirukana hadakurikijwe amategeko;

•kutabaha ama kontara;

•kubima ibikoresho vy'akazi.

Abo bakozi bavuga ko barenga 300 basaba inzego z'igihugu, gufata ikibazo kijanye n'ivyo basaba mu minwe.

Bamwe muri abo bakozi bavuganye na BBC bavuga ko iyo barungitswe mu misozi bategekwa kwimenya mu kwiyunguruza.

Bongeye ko, abakozi bajejwe gukurikirana ivyuma vya 'antene', batigera bahabwa uturusho tujanye n'impanuka.

Ku biro bikuru vya Lumitel i Bujumbura, nta ruja n'uruza rwagaragara kuva mu gitondo.

Ariko ku biro biraba ivy'ubudandaji, BBC yasanze hariho abakozi bariko barakira aba kiriya.

Amwe mu makuru avuga ko abo bakozi boba bimuriwe ngaho bavuye ku biro bikuru vy'urwo ruganda.

Lumitel, Vietel, Burundi

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu,

Uru ruganda rwa Lumitel n'urwo mu gihugu ca Vietnam

'Lumitel' yahavuye isohora itangazo ivuga ko abo bahagaritse akazi barenze ku mategeko y'igihugu.

Basigura ko ayo mategeko abuza ihagarikwa ry'akazi mu gihe hakiri ibiganiro hagati y'imirwi itumvikana.

Iri hagarikwa ry'akazi ryari rimaze kuba mu ntara zimwe zimwe 'Lumitel' ikorera mwo mu ntara.

Lumitel yonyene ifise hafi ica kabiri c'abakoresha terefone ngendanwa.