Uwitoza mu kibanza ca prezida muri Brezil yacumiswe imbugita

Jair Bolsonaro

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu,

Uwitoreza kuba prezida Jair Bolsonaro yateruwe n'abayoboke biwe inyuma yo gucumitwa imbugita

Uwitoza mu kibanza ca prezida aza imbere mu bashobora gutahukana intsinzi muri Brezil, Jair Bolsonaro, yacumiswe imbugita igihe yariko ariyamamaza.

Uwo mu kandida yacumiswe imbugita mu nama yo kwiyamamaza yari yitabwe n'abantu benshi mu karere ko mu bumanuko bushira ubuseruko.

Uwo munyepolitike yamirira kure amacakubiri afatiye ku rukoba, benshi ni we baha amahirwe ko ashobora gutsinda.

Abantu benshi babona ko ari we azotahukana intsinzi mu matora y'umukuru w'igihugu yo mu kwezi kuza anaciyeko uwahoze ari umukuru w'igihugu ubu ari mw'ibohero Lula da Silva.

Ivyo vyashitse gute?

Amasanamu ya video yerekanye Bolsonaro ariko araramvura amaboko aramutsa abayoboke biwe, aho ni ho yaca acumitwa ikintu mu nyuma basanze ari imbugita.

Yaciye yunama kubera ububaare, hanyuma abayoboke biwe bacye bamuryamika baca bamushira mu modoka bihuta bamujana kwa muganga.

Inyuma y'ico gitero, umwana wiwe yanditse kuri twitter kuri ivyo vyashitse ariko mu nyuma y'amasaha nk'abiri yaciye yandika ido n'ido y'ivyashitse.

Yanditse kuri twitter ati:"Yari ameze nabi cane gusumba uko twavyibaza, yavuye amaraso menshi, yashitse mu bitaro afise amaraso ari ku rugero rwa 10/3, yahatswe gupfa, ariko ubu ameze neza, nobasaba ko twomusabira. "

Abaganga bo kuri ivyo bitaro mu nyuma bavuze ko Bolsonaro yakomeretse cane kandi ko igikomere gishika kure cane mu ndaariko ko ubu ameze neza.

Yajanywe mu cumba c'abagwayi baremvye cane amasaha mesnhi inyuma yo kubagwa, kandi azoguma mu bitaro mu kiringo c'imisi cumi.

Ahavuye isanamu, EPA

Insiguro y'isanamu,

Uwagirizwa gucumita impugita Bolsonaro

Igipolisi kivuga ko cafashe uwakoze iryo bara yitwa Adelio Obispo de Oleveira.

Abantu batandukanye banebaguye uwo mugabo kubera ivyo yakoze.