Ingénieur Simegnew Bekele yatowe yapfuye mu kwezi kw'indwi ngo yariyahuye

Simegnew Bekele Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Simegnew Bekele niwe yarajejwe urugomero ruzoba urwa mbere ku mugabane wa Afrika ni rwarangira

Umuhinga Simegnew Bekele yapfuye mu kwezi kw'indwi afise inguma z'inkoho urupfu rwiwe rugatuma abantu benshi biha amabarabara, ngo yariyahuye nkuko igipolisi cabishikirije.

Ikiziga ca Bwana Simegnew catowe mu modoka muri karitiye ya Addis Ababa muri Ethiopia.

Uwo muhinga niwe yariko arubakisha ku ruzi Nil urugomero rw'umuyagankuba ruzotwara imiliyaridi z'amadolari.

Harabaye imyiyerekano myinshi inyuma y'aho apfiriye, mu gihe abantu benshi bibaza ko yishwe.

Ico gihe, umushikiranganji wa mbere Abiy Ahmed yavuze ko "ababajwe kandi atuntujwe" n'amakuru y'urupfu rwa Bwana Simegnew.

Uno munsi umukuru w'igipolisi Jenerali Zeynu Jemal yabwiye abamenyeshamakuru ko amatohoza ya mbere yerekanye ko Simegnew yiyishe yirashe.

Amatohoza avuga ko inkoho yatowe mu modoka yiwe ari rwiwe, ko imoteri y'imodoka yiwe yaricaka igihe apfa.

"Amatohoza yakozwe ku vyabaye kuva umunsi enjeniyeri yashika i Addis Ababa avuye i Guba [ahari urugomero] gushika umunsi apfa. Hari ivyerekana ko mw'ijoro buca apfa mu gitondo, ko yabonanye n'abana biwe. Yaravuganye n'umuhungu wiwe w'impfura, Bemnet, amubwira amajambo nkayo kumusezera, amusaba ko yokwitaho ivyigwa."

Umunsi wo kumushingura, igipolisi cakoresheje ivyuka vya gazi kugira bagenzure neza abaje kumuherekeza.

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Abantu ibihumbi nibo bitavye ibirori vyo gushingura Bwana Simegnew i Addis Ababa

Amakanda ya Bwana Simegnew yaratowe kuri iyo nkoho, kandi imiryango y'imodoka yari iborotse, nkuko umukuru w'igipolisi avuga.

Yongeye avuga ko enjeniyeri yasigiye ubutumwa umunyamabanga wiwe avuga ko hari aho agira abe araja.

Agerageza gusigura icoba catumye yiyahura, Bwana Zeinu avuga ko mu matohoza y'intango biboneka ko Bwana Simegnew yararemerejwe n'ingene urugomero rwatevye, n'amahera menshi ruguma rutwara.

Yavuze ariko ko bikenewe ko amatohoza aguma akogwa.

Urwo rugomero ruzoba urwa mbere ku mugabane wa Afrika ni rwarangira, rwategerezwa kuba rwaheze kwubakwa mu myaka ibiri irangiye.

Inyuma y'imyaka indwi irangiye rutangujwe, rumaze kugera ku bice 65% gusa, nkuko umumenyeshamakuru wa BBC Abebe Bayu avuga.

Urwo rugomero ruzorenza imiliyaridi $4.

Image caption Ishantiye y'urwo rugomero ruriko rurubakwa

Kubera iki uruzi Nil rushobora gutuma haduka intambara?

Ni rwarangizwa kwubakwa, urwo rugomero rw'i 1.8km mu bwaguke hamwe n'uburebure bwa 155m, ruzotanga incuro zitatu umuyagankuba igihugu gikoresha muri kino gihe.

Hari amakenga ko uwo mugambi ushobora gutera uruhagarara mu karere, mu gihe igihugu ca Misiri gifise amakenga ko ruzotuma amazi cakoresha agabanuka.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Uruzi Nil ruca mu gisagara ca Assouan kiri ku birometero 920 uvuye ku mugwa mukuru Cairo

Matina Stevis-Gridneff, aserukira ikinyamakuru Wall Street Journal muri Afrika asanzwe azi Bwana Simegnew, yavuze ko yarasigaye atangwako akarorero mu bantu bakunda igihugu cabo.

"Yari umuntu akunda cane igihugu ciwe, yiyemeje guteza imbere igihugu ciwe," niko yabwiye iradiyo BBC Focus on Africa.

Ibindi bisa n’ibi