Abantu ndwi bacumiswe i Paris barimwo bane bakomeretse cane

Abapolisi barondera ivyagiriji mu buraruko bushira ubuseruko muri Paris Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Abapolisi barondera ivyagiriji mu buraruko bushira ubuseruko muri Paris

Abantu ndwi bakomeretse, bane cane, mu gitero cagabwe n'umugabo yari yitwaje imbugita n'icuma ku mugwa mukuru Paris, nkuko igipolisi catangaje.

Ico gitero cabaye imbere y'isaha zitanu z'ijoro ku nkengera y'umufuruge muri arondisema ya 19 i Paris.

Abantu bariko barakina urukino rwa pétanque bateye iyo nkoziyikibi imipira bagerageza kumufata.

Uwo mugabo bivugwa ko aturuka muri Afuganistani, yahavuye afatwa munyuma.

Muri kino gihe, ico gitero ntigifatwa nk'ic'iterabwoba.

Ubwa mbere uwo mugabo yacumitse abagabo babiri hamwe n'umugore hafi y'inyubakwa y'isinema MK2 ku nkengera za Loire, hafi y'umufurege uri Ourcq, nkuko amakuru avuga.

Uwabibonye Youssef Najah w'imyaka 28, yavuze ko yariko aca iruhande y'uwo mufurege igihe yabona umugabo yiruka afise imbugita y'uburebure bwa santimetero 25-30.

"Hari abantu bashika 20 bariko bamwiruka inyuma, bamutera imipira ya "pétanque," niko yavuze.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Pétanque ni urukino bakinishamwo imipira y'icuma ikwira mu kiganza

"Imipira ine canke itanu yamuguye ku mutwe, ariko ntibashoboye kumufata," niko yabandanije avuga.

Bivugwa ko iyo nkoziyikibi yaciye itera abakerarugendo babiri b'abongereza bari kw'ibarabara riri hafi.

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Igipolisi cazibiye agace ico gitero cabereyemwo

Umukuru w'igisagara ca Paris yashimiye abapolisi bagwanya ubwicanyi bo mu mugwi (BAC) bashoboye kumufata. Ashimira n'abantu barengana bagerageje guhagarika iyo nkoziyikibi.

Mw'itangazo ryasohowe, ubushikiranganji bw'imigenderanire y'Ubwongereza n'amakungu bwanditse buti: "Turiko turakora amatohoza yihuta ku vyabaye kandi turiko turakorana n'ubutegetsi bw'Ubufaransa."

Amakuru aturuka mu gipolisi c'Ubufaransa yavuze ati: "Muri kino gihe, nta na kimwe cerekana ko ari igitero c'iterabwoba."

Haramaze kuba ibitero vy'inshi vy'imbugita mu Bufaransa mu mezi aherutse, ariko ni bike twasanze bishingiye ku bikorwa vy'iterabwoba.