Wovyifatamwo gute ubwiwe ko ata ntanga ufise, ko udashobora kuvyara?

Craig Franklin
Image caption Craig Franklin yabwiwe na muganga ko ata ntanga afise

Imiryango myinshi irikora ku buryo bwo guhuriza imbuto hanze bita "In Vitro Fertilization" (IVF) mu gihe abagabo ari intavyara - ariko ngo bituma kenshi bumva ari inyakamwe.

Umuhinga mu vyo gushobora kuvyara avuga ko bikenewe cane ko abantu bicarira ingorane zo kudashobora kuvyara (kuba ingumba), bakigira hamwe ko bikwiye ko birukira umugenzo wo kurungika bagenzi babo b'abagore gukoresha uburyo buzimvye bwa IVF, igihe intanga z'umugabo zononekaye.

Iyo umugabo abwiwe ko adashobora kuvyara biramuca inkokora, bigatuma yumva ubunyakamwe.

Ubugumba mu bagabo butuma muri kino gihe imiryango myinshi yo mu Bwongereza yikora ku buryo bwa IVF, aho mu kurondera umwana, igi ry'umugore riihuzwa n'intanga z'umugabo mu mavuriro yabigenewe bita "laboratoires".

Igihe Craig Franklin abwiriwe ko ata ntanga afise, yumvise ubunyakamwe, yongera yumva ko ubugabo bumuhezeko.

"Umuganga yamubwiye ati: 'Nta ntanga usohora, ntibizokunda ko uronka abana. Shaka wigire, vyarangiye,' niko uwo muntu w'imyaka 39 asigura.

"Nta na kimwe cakozwe co kumuremesha."

Ivyamushikiye vyaramukozeko cane, bituma ahakwa kuvana n'umugore bagendana, Katie.

"Vyaranshavuje cane igihe kirekire. Vyatumye mera nk'umusazi," niko yavuze mu kiganiro ca BBC .

"Sinari ngikora neza ku kazi, ku buryo mu mwaka uheze baciye banyirukana."

"Vyaramvunye umutima. Bisa naho nabonye umugabo arangira," niko Katie avuga.

"Ntiyari aciyumva nk'umugabo, ivyo ntibikwiye na gato."

Image caption Professeur Sheena Lewis ni umugore w'umuhinga mu vyo gushobora kuvyara mu Bwongereza

Professeur Sheena Lewis, umuhinga mu vyo gushobora kuvyara, arongoye ikigo co mu Bwongereza "British Andrology Society" gifise intego yo kwitaho amagara y'abagabo ku bijanye n'irondoka, avuga ko kutitaho ikibazo c'abagabo babaye ingumba mu gisata c'amagara y'abantu, ari ikibazo cokwihutishwa.

"Abagabo ntibakurikiranwa neza, ntawubapima, ntawubitaho," niko avuga.

Mu bihugu vya Buraya, ubwiza bw'intanga z'abagabo bugenda butituka, ariko ni bike bizwi ku kuntu ivyo vyotoregwa umuti - kandi hari uburyo buke bwo kugwanya iyo ngorane mu gisata ca NHS.

Prof Lewis avuga ko ivyo vyatumye haduka ingeso itumvikana, aho abagore birukira uburyo bwa IVF - naho bo baba bikomereye.

"Usanga umugore afatwa nk'umuti w'ikibazo c'umugabo afise intanga zidakora," niko avuga.

ADN yononekaye

Hari umuryango uvuga ko utari gushobora kuronka umuhungu ufise, iyo utironderera ukundi uvyifatamwo.

Mu bigo vya leta NHS, warageragerejwe kenshi ngo uronke umwana mu buryo bwa IVF - naho umugore ata ngorane zo kuvyara yarafise - ariko biranka kuberako intanga z'umugabo zitari zikomeye.

"Ntivyari biryoshe kubona. Kugutera inshinge ata na kimwe zitanga ubwa mbere, sico kimwe no kuja gutembera mu bibuga vyo kuruhukiramwo," niko asigura.

Hakubandanya ajayo, umugabo yaciye aja mw'ivuriro ritegamiye leta, arabagwa - aho yatanze amahera make kuyo yorishe mu buryo bwa IVF - avugwa ingwara ya "varicocele", ituma abagabo badashobora kuvyara ku bice 40% .

Munyuma umugore wiwe yarasamye mu buryo busanzwe.

Image caption Mark na Suzanne Harper bafise abana babiri baronse inyuma yaho abagiraneza bemeye gutanga intanga

Bamwe mu bagabo bafise ingorane zo kuvyara, bavuga ko bumva ko bakumirwa n'abaganga, ngo basigara bitaho abagore gusa.

Mark Harper yaronse abana babiri inyuma yaho abagiraneza bemereye gutanga intanga.

Yarapimwe basanga ata ntanga afise, ariko muganga ahitamwo kubibwira umugore, hakubimwibwirira.

"Iyo uriko uvuga umugabo ku bijanye n'ingorane zo kutavyara, ukwiye kubivugana n'umugabo," niko avuga.

Mw'itangazo ryasohoye, ishuli ritanga abaganga "Royal College of GPs" rivuga ko abakozi baryo "bigishwa gushika ku rwego rwo hejuru ingene bavugisha abarwayi...barimwo n'abafise ingorane zo kutavyara n'uburyo bwiza bwo kuzivamwo".

Prof Sheena Lewis we avuga ko kutitaho ikibazo c'abagabo baba ingumba, bisigura ko baba batigishwa ku bijanye n'ukurondoka.

Image caption Katie na Craig bavuga ko vyabafashe umwaka n'igice kugira ngo bategere ko badashobora kuronka umwana kiretse habonetse uwundi muntu azana intanga

Katie na Craig bavuga ko abaganga bavuga ko Katie adashobora gusama kubera ingorane afise - kandi akaba yapimwe ata muntu numwe arasuzuma Craig ngo abone ko ashobora kuvyara.

Uwo muryango uriko urarondera umugiraneza yobaha intanga, mu gihe bankiwe uburyo bwa IVF mu bigo vya NHS.

Ikumigwa rishingiye ku kuba ingumba niryo risigura igituma Craig ashikirije ivyamubayeko ubwa mbere - gushika ubu na bagenzi biwe ntavyo bari bazi.

"Si ikintu co kuvuga mu bagabo, " niko avuga. "Ni ibintu vyugaranywe...bitaganirwako."

Uwo muryango uvuga ko vyawufashe umwaka n'igice kugira ngo utegere ko udashobora kuronka abana kiretse habonetse umugiraneza azana intanga - vyunyugwa nuko habuze ikibaremesha.

Ubu babimenyereye.

"Nta gihe twari bwumve ko dukomeye nk'ubu," niko Katie avuga.

"Ariko iyindi miryango ntibikomereye nkatwe. Usanga batagishobora kubikorana kandi ndabona igituma - biragoye ko umugabo ashobora kwakira ko adashobora guha umugore wiwe umwana."

Ibindi kuri iyi nkuru