Umugabo yatawe mu mvuto inyuma yaho asangiriye n'umukobwa muri Arabie Saoudite

Yafashwe ahejeje gufungura izo ndya
Insiguro y'isanamu,

Yafashwe ahejeje gufungura izo ndya

Umugabo aturuka mu Misiri yari mu gihugu ca Arabie Saoudite yatawe mu mvuto inyuma yaho video imwerekana asangira icayi n'umukobwa, ivuzweko vyinshi ku mbuga hwaniro ya Twitter.

Muri iyo video, umugabo avuga ururimi rwo mu Misiri aboneka afungura iruhande y'umukobwa yipfuse mu maso, abantu bibaza ko afise amamuko ya Arabie Saoudite.

Ivyabaye biteye kubiri n'amategeko yo muri Arabie Saoudite, bigasabwa ko ku kazi canke mu bibanza vyo kwivunamwo umusase nka McDonald canke Starbucks, imiryango isabwa kwicara itandukanye n'abagabo iyo ata bantu bandi basohokanye.

Abakobwa basabwa gutandukana n'abagabo bizanye muri ivyo bibanza.

Basabwa kuba baherekejwe n'abagabo, se canke umugabo, canke musaza wabo canke umuhungu wabo.

Uwo mugabo yafashwe n'ubushikiranganji bw'akazi n'iterambere ry'abanyagihugu, bumwagiriza kurenga amategeko menshi no kuja mu kibanza kirekuriwe abanya Saudi gusa".

Hashtag yo mu carabu "Umunya Misiri asangira icayi n'umunya Saudi" yakoreshejwe incuro zirenga 113000 kuri Twitter, ituma haba impari ku budasa bw'imico.

Ingene abantu babibona ku ruhande rwa Arabie Saoudite

Skip Podcast and continue reading
Podcast
Ikiganiro cy’abagore

Ikiganiro cy’abagore kuri BBC Gahuzamiryango

Inkurikirane

End of Podcast

Muri iyo video y'amasegunda 30, uwo mugabo n'uwo mukobwa baratebura ukuntu basangira icayi ata wundi muntu batumiye.

Ariko icababaje abantu gishika ku mpera y'iyo video, aho uwo mukobwa aboneka atamika umugabo.

Abanya Saudi benshi bagize ico bavuga kuri uwo mugabo n'uwo mukobwa, benshi bibaza igituma hohanwa umugabo, haguhana umukobwa.

"Ndipfuza gutegera igituma abagabo aribo bahanwa, abagore bakarekwa," niko Malak avuga kuri Twitter.

"Ndi umunya Saudi [umukobwa] kandi ndarahiye ko bakwiye guhanwa bose. Kurira ku kazi...raba ivyo murekuriwe?"

Abandi bavuze ariko ko imigenderanire yo ku kazi yarikwiye kurengera ibibazo bijanye n'igitsina, uwitwa Tarek Abd Alaziz agahamagarira abo bakorana gushobora "gutera inkuru canke gusangira, canke kugira ibindi vyose birekuwe mu migenderanire y'abantu".

Ariko si bose babibona ukwo, uwitwa Hammoud Alduhayian akavuga ko "gutunganya ubuzi bw'abagore burimwo abanyamahanga ari kurenga imico, n'akaranga k'igihugu."

Mu Misiri babifata gute?

Mu Misiri, abanyagihugu batangajwe n'amajambo ashikirizwa n'abanya Saudi, bavuga ko uwariwe wese yofashwe uravye iyo video ata kibi irimwo.

Ku bw'umwihariko, abanyagihugu bavuga ubudasa buri hagati y'ifatwa ry'uwo mugabo n'ibimaze iminsi bivugwa ko amateka y'abagore yateye imbere, nk'agateka ko gutwara imodoka baheruka kuronka mu kwezi kwa gatanu.

Uwushikiriza ibiganiro ku mboneshakure, Osama Gaweesh yavuze ko yabuze ico afata n'ico areka yumvise ivy'uwo mugabo yapfunzwe, abaza ati: "Mbe umuganwa wa Saudia, Mohammed bin Salman ntiyipfuza ko Saudia yiyugurura, ikabamwo ibiteramo, inyubakwa z'isinema, inkengera abantu bajako kwoga n'intego nshasha yo mu 2030?"

Mu gihe uwundi munya Misiri, Sonia, avuga ko bituruka ku kwikunda kuri mu bagabo ba Arabie Saoudite.