Leta y'u Burundi yafashe ingingo yo kubuza abakozi ba ONU batatu guhonyora ku butaka bw'ico gihugu

Doudou Diene yamuka muri Senegal, umukuru w'urwego rwa ONU rutohoza ku Burundi, ari mu batacemerewe guhonyora mu Burundi Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Doudou Diene yamuka muri Senegal, umukuru w'urwego rwa ONU rutohoza ku Burundi, ari mu batacemerewe guhonyora mu Burundi

Umushikiranganji w'u Burundi ajejwe imigenderanire n'amakungu yasohoye ikete ritangaza ingingo yo kubuza guhonyora ku butaka bw'u Burundi abakozi batatu ba ONU.

Abo bakozi ni bwana Doudou Diene yamuka muri Senegale, madamu Lucy Asuagbor yamuka muri Kameruni hamwe na madamu Francoise Hampton ava mu Bwongereza.

Bari mu barongoye urwego rw'ishirahamwe mpuzamakungu ONU rukora amatohoza ku gateka ka kiremwa muntu mu Burundi, bakaba baheruka gusohora icegeranyo kitaguye neza leta y'u Burundi.

Ikete ryashizweko umukono n'umushikiranganji Ezechiel Nibigira rivuga ko ico cegeranyo gityoza kandi kikaba cuzuyemwo ibinyoma.

Ngo kuri ivyo rero abo bakozi batatu ba ONU ntibemerewe guhonyoza ikirenge aho ari ho bose ku butaka bw'u Burundi, ivyo bita persona non grata.

Bisa n'ivyari vyitezwe

Ejo kuwa kabiri, inama nshingamateka na nkenguzamateka zasavye reta y'u Burundi gushengeza abahinga ba ONU baherutse gusohora icegeranyo c'amatohoza ku bijanye n'agateka ka zina muntu.

Izo nama uko ari zibiri zivuga ko kirimwo ibinyoma ngo kikanatyoza indongozi z'igihugu.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Francoise Hampton na Doudou Diene, bashikiriza icegeranyo ku Burundi bari i Geneve itariki 05/09/2018

Izo nzego zibiri zabishikirije ejo kuwa kabiri mu nama idasanzwe zagiriye hamwe ziri kumwe n'abashikiranganji 3, uw'umutekano, uw'ubutungane n'uwintwaro yo hagati mu gihugu.

Benshi mu bashingamateka bagizwe ahanini n'abaturuka mu mugambwe uri ku butegetsi, CNDD-FDD, babona ko ari icegeranyo c'irementanya gifise intumbero yo gusenyura inzego z'igihugu.

Umwe muri bo ni Pascal Nyabenda, akaba yagize ati: "U Burundi bufise amahoro y'umusesekara. Mbere busigaye buja no gufasha ibindi bihugu bifise ingorane kugarukana amahoro.

"Ariko mu vyegeranyo vyose bisohoka, nta na hamwe bavuga ivyo vyiza u Burundi bukora. Kandi igitanganje, izo ngabo zija hanze gufasha ziba zishigikiwe na ONU".

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Imyiyerekano y'abashigikiye leta y'u Burundi biyamiriza ishirahamwe rya Buraya mu 2017

Abatavuga rumwe na leta babibona ukundi

N'aho biri uko, abatavuga rumwe na reta siko babibona, akarorero akaba ari umushingamateka Fabien Banciryanino aturuka mu runani Amizera y'Abarundi.

Yagize ati: "Muri komine ya gihanga intara ya Bubanza mu burengero bw'u Burundi haciye imisi 32 ata munyagihugu arekuriwe gusohoka no kwidegemvya kuva igihe c'isaha zibiri z'ijoro.

"Abanyagihugu barakubitwa bagacibwa n'amande. Ivyo si ibintu biteye isoni?".

Iki cegeranyo cagiye ahabona mu ntango za kuno kwezi, kivuga ko ihonyangwa ry'agateka ka zina muntu ricibonekeza mu Burundi.

Kidoma urutoke ku nzego zo hejuru harimwo n'umukuru w'igihugu Petero Nkurunziza, igipolisi n'imbonerakure.

Kizoshikirizwa inama nkuru y'umutekano ya ONU mu ndwi iza.