Umukenyezi yagwanya ubutegetsi bw'u Rwanda, Victoire Ingabire yagiriwe ikigongwe

Victoire Ingabiri
Image caption Umunyapolitike Victoire Ingabire yarekuwe na Prezida Paul Kagame

Umunyapolitike Victoire Ingabire yarapfunzwe kuva mu 2010 yarekuwe inyuma yaho agiriwe ikigongwe ari kumwe n'abandi banyororo barenga 2000 barimwo umuririmvyi Kizito Mihigo, nkuko umumenyeshamakuru wa BBC yabishikirije.

Mu 2013, sentare ntahinyuzwa yari yamwongereje igihano, ikiringo ciwe co gupfungwa kiva ku myaka umunani kija ku myaka 15.

Igihe afatwa yagirizwa kugumurira abanyagihugu kugwanya ubutegetsi, gutunganya umugwi w'inyeshamba wotera igihugu hamwe no gufata minenengwe ihonyabwoko ryakorewe abatutsi mu 1994.

Mu kiganiro c'umwanya muto cane n'abamenyeshamakuru, Madamu Ingabire yasavye Prezida Paul Kagame ngo arekure na bagenziwe bapfungiwe politike.

Uwundi yarekuwe n'umuririmvyi Kizito Mihigo yari yakatiwe igipfungo c'imyaka 10 mu kwezi kwa kabiri kwo mu 2015.

Image caption Umucuraranzi Kizito Mihigo yagirizwa kurondera kwica Prezida Paul Kagame

Ico gihe yagirizwa ko yakoranye n'abandi, barondera kwica umukuru w'igihugu Paul Kagame hamwe n'abandi bategetsi b'u Rwanda.

Asubiye kubona ubuzima bwo hanze, Bwana Mihigo yabwiye abamenyeshamakuru ati: "Ni ingingo igiye kungirira akamaro mu buzima, ko ngiye gusubira kubona abagenzi n'umuryango, ngerageze kwiyubaka nongere nshinge urwanje. Ingingo ubutegetsi bwafashe ni nk'ubutumwa bw'amahoro agiye gukomezwa mu gihugu."

Uwufise ububasha kw’isanamu RWANDA MINISTRY OF JUSTICE TWITTER
Image caption Itangazo ryo mu bushikiranganji bw'ubutungane rirekuza abanyororo 2140

Muri rusangi abanyororo 2140 nibo bagiriwe ikigongwe n'umukuru w'igihugu Paul Kagame ku munsi wa gatanu.

Mw'itangazo ryasohowe n'ubushikiranganji bw'ubutungane mu Rwanda, bikavugwa kw'ingingo yo kurekura Madamu Ingabire na Bwana Mihigo, ituruka ku kuba bari baranditse basaba ikigongwe.

Ibindi bisa n’ibi