Uburundi bwaraye butewe mu Gatumba ku mupaka na Congo

Image caption Abasirikare n'abapolisi iruhande y'umugwanyi yaraye yishwe

Umugwi w'abantu bataramenyekana waraye uteye igihugu c'u Burundi, uzananye ku mupaka ico gihugu gihana na Repubulika y'Intwaro rusangi ya Congo.

Abateye hagati y'isaha zitatu n'inusu gushika isaha zitanu mw'ijoro ryarangiye, bivugwa ko bavuye muri Congo, batera ku mupaka w'ahitwa mu Gatumba, uri mu burengero bushira uburaruko bw'igisagara ca Bujumbura.

Urwamo rw'amasasu menshi n'amabombe vyarumvikanye ku kiringo c'isaha n'inusu, nkuko abanyagihugu bavuganye na BBC bavyigana.

Image caption Imodoka imwe yahiye irarangira

Baravuga ko hari ivyahononekariye, umuntu umwe mu bateye akaba yishwe, imodoka ziraturigwa.

Umunyagihugu yahaye ayo makuru BBC yavuze ariko ko ata musirikare w'igihugu yaguye muri iyo ntambara.

Umushikirizamanza mukuru wa Repubulika Sylvestre Nyandwi yagendeye munyuma ako karere, yabwiye abamenyeshamakuru ko abakoze ico gitero bashobora kuba ari abasuma kandi ko barasa bahagaze ku butaka bwa Congo.

«Turavye ingene barasa batumbereza inyubakwa z'ibanki Bancobu, twibaza ko bari abasuma bashaka kwiba. Umwe muri bo yarahasize ubuzima. Abandi barashoboye guhunga. Twamaze gutanguza amatohoza», nikwo Nyandwi yasiguye.

Image caption Mu Gatumba, ku mupaka w'u Burundi na Congo
Image caption Ibanki iri ku mupaka nayo nyene yibasiwe n'ico gitero

Uno musi imbere y'umutaga, uruja n'uruza rwari rwahagaze ku mupaka, n'abamenyeshamakuru bagiye kwemererwa gushika ahabereye igitero inyuma ya sasita.

Iki gitero kibaye mu gihe haciye igihe binugwanugwa ko hari imigwi y'abagwanyi b'abarundi mu gihugu ca Congo, ariko Bwana Nyandwi we akavuga ko ata sano bifitaniye.

Iki sico gitero ca mbere kibaye kizananye muri Repubulika y'Intwaro rusangi ya Congo.

Mu ntango z'ukwezi kwa gatanu abantu 26 baragandaguwe n'umugwi witwaje ibigwanisho utaramenyekana mu karere ka Ruhagarika, muri komine Buganda intara ya Cibitoke.

Ico gihe, ubutegetsi bukaba bwavuze ko abateye baje bava muri Congo nyene.

Ibindi bisa n’ibi