Igihuhusi Mangkhut gisugereje ubumanuko bw'Ubushinwa

Igihuhusi Mangkhut cazananye muri Philippines cibasiye Hong Kong
Image caption Igihuhusi Mangkhut cazananye muri Philippines cibasiye Hong Kong

Uduce twinshi tw'Ubushinwa twaburiwe mu gihe imvura y'isegenya hamwe n'igihuhusi Mangkhut biriko bisugereza inkengera zo mu bumanuko.

Abantu barenga 100 bakomeretse i Hong Kong, aho inyubakwa ziduga mw'ijuru (grattes ciels) zanyiganga, ibiyo vy'amadirisha bikamanyagurika.

Niburiburi abantu 30 bapfuye muri ico gihuhusi ca Mangkhut catanguriye mu gihugu ca Philippines, ariko ntawurashobora kumenya ivyononekaye mu mihana yo ku mitumba.

Mangkhut nico gihuhusi gikaze kurusha ibindi mu 2018.

Mu Bushinwa biteguye gute?

Muri Hong Kong, ubutegetsi bwagabishije bikwiye abanyagihugu, basabwa kuguma mu mazu mu kwirinda ibimanyu biguruka vy'ivyasenyutse.

Umurindi w'umuyaga uri i Hong Kong ngo ugera kuri 117km/h.

Ubutegetsi buvuga ko abakomeretse bashika 111, ariko umunyamakuru wa BBC Robin Brant ari muri ico gisagara yavuze ko umuyaga ukaze wamaze kurengana.

Amazi yaduze gushika ku metero zitatu n'inusu, ku buryo wasanga amafi mw'ibarabara.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Abajejwe umutekano bafasha mu gikorwa c'ubutabazi
Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Ubutegetsi bwaburiye bikwiye abanyagihugu

Imangazini hamwe n'ubuzi bwa leta vyari vyugaye, ingendo z'indege zishika 800 zirasibishwa ku kibuga c'indege Hong Kong International Airport , bituma ingenzi zishika 100000 zibura ayo zicira n'ayo zimira.

Mu gace ka Macau bihanye imbibe, inyubakwa zikinirwamwo akamari "casinos" zugaye ubwa mbere mu mateka y'aho hantu.

Inzira y'igihuhusi Mangkhut n'igihe kihacira

Image caption Inzira y'igihuhusi Mangkhut

Abantu baharugwa mu bihumbi bimuwe bavanwa mu gace ka Guangdong, ku butaka buri kw'isi, ahitezwe kwibasigwa n'igihuhusi Mangkhut ku munsi wa Mungu.

Ico gihuhusi ni ica 22 cadutse muri uno mwaka ariko ikigo c'Ubushinwa kigenzura ihindagurika ry'ibihe "China's National Meteorological Centre" kivuga ko ari co ca mbere gifise inguvu nyinshi.

Ibindi bisa n’ibi