Umukuru w'igisagara ca Londres Sadiq Khan asaba ayandi matora kamarampaka ya Brexit

Sadiq Khan
Image caption Umukuru w'igisagara ca Londres Sadiq Khan avuga ko abanyagihugu bakwiye guhabwa ijambo ku vyavuye mu biganiro vya Brexit

Umukuru w'igisagara ca Londres Sadiq Khan asaba ko hotunganywa ayandi matora kamarampaka ya Brexit, avuga ko "amakenga afise aguma yiyongera" aravye ukuntu ibiganiro leta yagiyemwo n'Uburaya ataco vyashitseko.

Yandika mu kinyamakuru Observer, uwo munyapolitike wo mu mugambwe w'aba Travaillistes yavuze ko mu gihe Ubwongereza bwiteze kuva mu muryango wa Buraya (EU) mu mezi atandatu, ko buri mu "masezerano mabi" canke ko "ata masezerano bwapfunditse".

Impari zashimikiye "kurusha ku migambi ya politike ya Boris Johnson" hakuraba icoba ciza ku Bwongereza, niko avuga.

Umushikiranganji wo mu mugambwe w'aba Conservateurs, Michael Gove yavuze ko Bwana Khan ashaka kuburagiza ishaka ry'abatoye.

Amajambo y'umukuru w'igisagara ateye kubiri na politike y'aba Travaillistes isaba kwubahiriza ivyavuye mu matora kamarampaka ariko "igashigikira ko horondegwa izindi nzira zose" igihe inama zijejwe amategeko zitoba zumvikanye.

Bwana Khan avuga ko naho yiyamiririza kuguma mu muryango w'ibihugu vya Buraya, ko yemeye "ishaka ry'abongereza ryo kuva muri EU".

Avuga ko atigeze yiyumvira gushigikira amatora ya kabiri ya kamarampaka, ariko kw'"amakenga afise aguma yiyongera bitewe n'ingene ibiganiro ataco vyashitseko kandi vyahagaze".

Ari mu kiganiro ca BBC one gitegugwa na Andrew Marr, yavuze ati: "Birahambaye ngo abantu bamenye ko ano atari ayandi matora kamarampaka, ahubwo ari kugira ngo abanyagihugu bagire ico bavuze ku biganiro."

Abajijwe ku vyobazwa muri ayo matora, yavuze ko kwoba ugutora ivyo leta yapfunditse n'Uburaya canke kuguma mu muryango wa Buraya.

Uwufise ububasha kw’isanamu Jeff Overs/BBC
Image caption Umushikiranganji wa mbere May yavuze ko ayandi matora kamarampaka kwoba ari "guhemukira demokarasi yacu"

Avugira muri ico kiganiro, umushikiranganji w'ibidukikije Bwana Gove, ariwe yafata iya mbere muvyo kuva muri EU igihe c'amatora, yavuze ko amajambo ya Bwana Khan atesha umutwe.

"Abanyagihugu imiliyoni 17.4 baratoye, berekana neza ko bipfuza kuva muri EU," niko Bwana Gove avuga.

"Sadiq ni nkaho avuga ati, hagarika, reka turindire, reka tubite mu kaga. Je nibaza ko yoba abaye amakosa akomeye."

Mu ntango ya kuno kwezi, umushikiranganji wa mbere Theresa May yavuze ko leta itazoshigikira ayandi matora.

Yagize ati: "Gusubira kubaza ico kibazo kuzoba ari guhemukira demokarasi yacu - no guhemukira icizere twari dufise."

Please upgrade your browser

Hagataho, mw'ikete ryarungikiwe umushikiranganji ajejwe Brexit Dominic Raab, ryasohowe na The Sunday Times, Bwana Keir Starmer yagabishije leta avuga ko abashingamateka b'aba Travaillistes batazoshigikira ico cose kibinjiza muri Brexit itatunganijwe neza.