Diane Rwigara na nyina wiwe barekuwe vy'agateganyo na sentare yo mu Rwanda

Rwigara na nyina wiwe muri sentare bari kumwe n'uwubaburanira Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images

Sentare nkuru ya Kigali yafashe ingingo yo kurekura vy'agateganyo hatanzwe ingwati umunyepolitike atavuga rumwe na reta Diane Rwigara na nyina wiwe, bakaba bagiye kuza baraburana bataha.

Umucamanza wa sentare nkuru i Kigali yatangaje ko ivyo basavye vyo gutanga ingwati vyemewe, ariko basabwa gutanga ibitabo vy'inzira vyabo k'umushikirizamanza mukuru wa reta.

Basabwe kandi kutarenga igisagara ca Kigali badahawe uruhusha rwihariye.

Umumenyeshamakuru wa BBC Yves Bucyana avuga ko inyuma y'iyo ngingo, isinzi ry'abantu babashigikiye baciye bikora mu gahogo muri sentare ari ko bashimira Imana kuri iyo ngingo.

Abo bapfasoni babiri bari mw'ibohero kuva mu mwaka uheze bagirizwa gutera akajagari n'amacakubiri mu banyagihugu.

Brahakanye ivyo bagirizwa bavuga ko bazira ivyiyumviro vyabo vya politike.

Ivyo bagirizwa

Umupfasoni Rwigara azwi mu guharanira agateka k'abakenyezi mu Rwanda, umuryango wiwe ukavuga ko yatanguye kugira ingorane igihe yashaka kwitoza mu kibanza c'umukuru w'igihugu.

Ntiyashoboye kuja ku rutonde rw'abarekuriwe kwitoza inyuma y'amatohoza yerekanye ko yari yarenze ku mategeko mu kwegeranya imikono y'abantu batazwi bamushigikira kwitoza.

Umupfasoni Rwigara yafashwe ari kumwe na nyina wiwe Adeline Rwigara mu kwezi kw'icenda mu 2017 bari ku muhana iwabo mu gisagara ca Kigali.

Nyina wiwe na we yagiriza gushaka gutembagaza reta.

Image caption Diana Rwigara na nyina wiwe bari muri sentare uyu musi

Prezida Kagame ni we yatsinze ayo matora ku majwi 98.63 kw'ijana.

Arashimagizwa cane ku kungene yateje imbere igihugu c'Urwanda mu butunzi kuva habaye ihonyabwoko ry'abatutsi mu 1994.