Icegeranyo ca ONU kigabisha ko dutegerezwa guhindura cane uko tubayeho mu kurinda isi amahano

Abahinga bagabisha ko isi izoshikirwa n'amahano akomeye tudahinduye uko tubayeho Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Abahinga bagabisha ko isi izoshikirwa n'amahano akomeye tudahinduye uko tubayeho

Icegeranyo kidasanzwe c'ishirahamwe mpuzamakungu ONU kw'ihindagurika ry'ikirere kivuga ko abantu bakwiye guhindura cane uko babayeho kugira barinde isi ihindagurika ribi cane.

Ico cegeranyo casohowe n'umugwi uhurikiyemwo ama leta wiga kw'ihindagurika ry'ikirere, kivuga ko hakwiye guhindurwa cane uburyo dukoresha amasoko ntanganguvu.

Ngo dukwiye kandi guhindura uburyo dutembera, uburyo twubaka co kimwe n'ivyo kurya dufungura.

Icigwa cakozwe cerekana yuko ukwiyongera kw'ubushuhe kugumijwe ku rugero rwa degre 1,5, vyobuza guhona kw'ibiremwa bitari bike, uruzuba hamwe n'imyuzure.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Imyuzure y'igihe cose ngo ni imwe mu ngaruka zizoshika ubushuhe nibwabandanya kwiyongera ku rugero rwa degre 2

Ngo ariko kugira ivyo bishikweko vyosaba ko hashorwa ubu bwa vuba amahera menshi mu masoko ntanganguvu adahumanya ikirere.

Abahinga mu bumenyi bavuga ko urugero rwo kwiyongera kw'ubushuhe gushitse kuri degre zibiri, ibibanza kw'isi bibamwo amafi adasanzwe mu nzuzi bizwi nka coral reef mu Congereza, vyose vyohona.